Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makenga yitanze ku butegetsi bwa Uganda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Makenga yitanze ku butegetsi bwa Uganda

Makenga yitanze ku butegetsi bwa Uganda

jeudi 7 Munyonyo 2013

Inyuma yaho abarwanyi b’umuhari wa M23 batsindiwe ku rugamba bagahunga ibibanza bari barigaruriye, uwahoze angoye uyo muhari Sultani Makenga, bivurwa ko yamaze kwishikana ku butegetsi bw’igihugu c’Ubuganda.

Ubutegetsi bwo mu gihugu c’Ubuganda ntibuhakana ko Makenga ari ku butaka bwabo,kandi ko yazananye n’abasirikare barenga amajana. Abo barwanyi rero bakaba bashikanye muri sentare y’igihugu iri Mgahinga, ku rubibe ico gihugu gihana na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ku wa kabiri w’iyi ndwi M23 yamenyesheje ko ihagaritse imirwano yari imaze amezi 20 mu Buseruko bwa Congo Kinshasa, inyuma y’uko igisirikare c’igihugu gifashije n’igisirikare ca ONU, birukaniye abo barwanyi ku birindiro vyabo vyose. Muri iki gihe igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kikaba kivuga ko abagira bashikirwe ari interahamwe na FDLR. Abo nabo abatari bake bariko baribaza iyo buca bahungira mu gihe ico gihugu bari babayemwo imyaka hafi 20, cabihindutse.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.