Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Malcolm Turnbull yatowe kuba umushikiranganji wa mbere wa Australia - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Malcolm Turnbull yatowe kuba umushikiranganji wa mbere wa Australia

Malcolm Turnbull yatowe kuba umushikiranganji wa mbere wa Australia

mardi 15 Nyakanga 2015

Uwahora ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Australie Tony Abott yakuwe muri ayo mabanga asubirirwa na Malcolm Turnbull.

Malcolm Turnbull yatowe kuba umushikiranganji wa mbere mu matora yatunganijwe n’umugambwe uri ku butegetsi Liberal Party of Australia (LPA),ayo matora nyene yatumye Turnbull asubirira Abott mu kurongora uwo mugambwe.

Bitegekanijwe ko Turnbull arahira mu mabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere,inyuma y’uko Abott yandikira ikete buramatari wa Australia ko atanze imihoho.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Turnbull yavuze ko Abbott abandanije ari umushikiranganji wa mbere akanka gutanga imihoho,Reta ihari ishobora gutsindwa mu matora.Yavuze ko Reta ya Abott itigeze ishikana igihugu kw’iterambere gikeneye.

Turnbull yahora ari umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru,abaye umushikiranganji wa mbere agira gatatu arongoye Reta ya Australia kuva mu mwaka w’2013.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.