Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abakandida bafise amasaha 24 gusa yo kwiyamamaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abakandida bafise amasaha 24 gusa yo kwiyamamaza

Mali: Abakandida bafise amasaha 24 gusa yo kwiyamamaza

vendredi 9 Myandagaro 2013

Amasaha 24 gusa niyo Ibrahim Boubacar Keïta na Soumaïla Cissé bafise yo kwiyamamaza mu gice ca 2 c’amatora y’umukuru w’igihugu. Ukwiyamamaza kukaba kuza guherana n’uyu munsi wa gatanu.

JPEG - 36.4 ko
Soumaïla Cissé (ibubamfu), Ibrahim Boubacar Keïta (iburyo)

Abahiganirwa ukuba umukuru w’igihugu basigaye ari 2 mu gice ca 2 c’amatora y’umukuru w’igihugu muri Mali. Ibrahim Boubacar Keïta (afise imyaka 68) na Soumaïla Cissé (afise imyaka 63) akaba aribo basigaye mw’ihiganwa. Bafise amasaha 24 yo kwiyamamaza. Iyo myiyamamazo ikaba iherama n’uyu munsi wa gatanu. Amatora y’ico gice ca 2 akaba ategekanijwe kuba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro. Soumala Cissé yari yasavye mugenzi we yuko hoba ikiganiro co kwiyamamaza ku mbonesha y’igihugu ca Mali (ORTM) ariko Ibrahim Boubacar Keïta bahiganwa akaba yanse ico ico kiganiro.

JPEG - 9.3 ko
Soumaïla Cissé

Ico kiringo c’amasaha 24 yo kwiyamamaza kikaba kibaye icambere kigufi kuva haba imyiyamamazo muri Mali. Impamvu y’uwo mwanya muto akaba ari uko ibitigiri vy’igice ca mbere c’amatora vyasohotse bitevye. Sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro yyasohoye ivyavuye mu gice ca mbere c’amatora itarike 7 Myandagaro. Iyindi mvo ikaba ari uko iyo myiyamamazo yahuriranye n’umunsi mukuru wa Aïd el-Fitr aho aba isiramu barangiza amapfungo yabo ya ramadan.

JPEG - 17.5 ko
Ibrahim Boubacar Keïta

Mwokwibuka ko igice ca mbere c’amatora y’umukuru w’igihugu muri Mali yabaye igenekerezo rya 28 Mukakaro. Hakaba hahiganwa abakandinda 23. Abari biyandikishije ku ntonde z’abatora bakaba bari 6 829 696. Muri abo hakaba hitavye amatora 3 540 242. Ni ukuvuga ibice 51,1% vyabiyandikishije. Rikaba ari imboneka rimwe ico gitigiri gishikwako. Ibitigiri vyabitavye amatora ntivyari bwigere birenga 38%.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.