Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abantu bane barapfuye mu gitero cabaye mw’ihoteli Byblos i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abantu bane barapfuye mu gitero cabaye mw’ihoteli Byblos i (...)

Mali: Abantu bane barapfuye mu gitero cabaye mw’ihoteli Byblos i Sévaré

samedi 8 Myandagaro 2015

Abantu bane harimwo abasirikare babiri b’igihugu ca Mali,nibo baguye mu gitero cabereye mw’ihoteli yitwa Byblos mu gice ca Sévaré ku birometero birenga 620 mu buraruko bw’umurwa mukuru Bamako,kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Myandagaro 2015.

Ico gitero cakozwe n’abantu bagomba kunyuruza abari muri iyo hoteli.Mu bari muri yio hoteli,harimwo abatwara indege mu rwego rwa Minusma bava mu gihugu c’Uburusiya,ari nabo vyikekwa ko baronderwa.

Amakuru yashikirijwe na bamwe mu basirikare ba Mali,iyo hoteli yarimwo kandi abantu batatu bava mu gihugu ca Afrika y’epfo,umwe ava mu Bufaransa,n’uwundi umwe ava mu gihugu ca Ukraine.

Igihugu c’burusiya kibicishije ku bategetsi,camaze kubeshuza amakuru avuga ko abatwara indege batatu bava muri ico gihugu banyurujwe.

Mwomenya ko ako gace kari mu duce dukunda kunyururizwamwo abantu,na cane cane abava mu bihugu vya Buraya.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.