Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Abarorerezi barashima uko amatora yagenze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Abarorerezi barashima uko amatora yagenze

Mali : Abarorerezi barashima uko amatora yagenze

lundi 12 Myandagaro 2013

Amatora ku ncuro ya kabiri, mu gihugu ca Mali yarabaye ukuri kwamye ku munsi w’ejo kuwa mungu. N’aho ivyavuye mu matora bitaramenyekana, abarorerezi bari bayahagarariye bamenyesha ko yagenze neza bagereranije n’ayo ku ncuro ya mbere. Haraheze indwi zibiri gusa, ay’ubwa mbere yari yaranzwe n’utunenge tutari duke, aho mbere hari n’abanyagihugu bari babujijwe gutora.

Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu hariko hahiganwa Ibrahim Boubacar Keïta (IBK) na Soumaïla Cissé. Abarorerezi bamenyesha ko n’utunenge twibonekeje twaciye dutorerwa inyishu. Aho ni nk’ibiro vy’amatora bimwe bimwe vyari bidafise irangi basiga uwuhejeje gutora, ahandi naho nta bwiherero bwari buhari.

Général Sangaré, umukuru w’abari bahagarariye ayo matora yamenyesheje ko ibitagenze neza ku ncuro ya mbere vyabahaye icirwa kuko arivyo baciye bakorerako mu gutegura amatora yo ku ncuro ya kabiri.

Mu kurindira ibizova muri ayo matora y’umukuru w’igihugu, twobamenyesha ko n’abarorerezi mvamakungu nabo nyene bemeza ko atacotuma abizova mu matora vyiyamirizwa kuko muri rusangi yagenze neza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.