Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abasirikare b’Ubufaransa binjiye Kidal - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abasirikare b’Ubufaransa binjiye Kidal

Mali: Abasirikare b’Ubufaransa binjiye Kidal

mercredi 30 Nzero 2013

Abasiriakare b’Ubufaransa barwana n’abarwanyi ba ki Islam muri Mali bavuga ko binjiye mu muji wa Kidal, uwanyuma abo barwanyi bari basigaranye.

Umuvugizi w’igisirikare c’Ubufaransa muri Mali yavuze ko ibikorwa bikibandanya.
Ariko umunyamakuru wa BBC ari muri Mali avuga ko amakuru baronka abemeza ko abasirikare bamaze gufata igice kiri ku kibuga c’indege, ngo ariko ntibiramenyekana neza nimba bari imbere mu muji.

Hari n’abavuga yuko abo barwanyi bakorana na Al Qaeda, bamaze kuva muri uwo muji.
Mu ndwi iheze, abasirikare b’Ubufaransa bafashe iyindi miji ibiri mu buraruko ariyo Gao na Tombouktou, bitabagoye na gato.


Ngoti Nadege

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.