Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali:Abasirikare b’ubufaransa bagiye kugabanywa kuva muri Ndamukiza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali:Abasirikare b’ubufaransa bagiye kugabanywa kuva muri Ndamukiza

Mali:Abasirikare b’ubufaransa bagiye kugabanywa kuva muri Ndamukiza

jeudi 7 Ntwarante 2013

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante 2013,umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande ari i Varsovie muri Polonye,yaramenyesheje ko abasirikare b’Ubufaransa bari mu gihugu ca Mali bazogabanywa kuva mu kwezi kuza kwa Ndamukiza.

Nk’uko amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ribimenyesha,umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yavuze ko igikorwa c’abasirikare kizobandanya ukwezi kwa Ntwarante kwose,ariko kuva mu kwezi kwa Ndamukiza uno mwaka bazoca bagabanywa.

Umukuru w’igihugu Francois Hollande ntiyamenyesheje ariko igitigiri c’abasirikare bazosigara muri Mali canke umwanya bazomarayo.

Mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma,umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu Laurent Fabius yari yamenyesheje ko ikurwa ry’abasirikare muri Mali ryotanguye muri uku kwezi kwa Ntwarante ari hamwe ibintu bigenze nk’uko vyari vyitezwe.

Ku bijanye n’urupfu rwa Abou Zeid umwe mu bategetsi ba Al-Qaida,Hollande yavuze ko Leta y’Ubufaransa ibona ko vyoba arivyo ariko ko atavyemezo bifashe biriho.

Mwomenya ko abasirikare b’abafaransa 4000 aribo bari mu gihugu ca Mali.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.