Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abihevyi bateye ibisagara bibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abihevyi bateye ibisagara bibiri

Mali: Abihevyi bateye ibisagara bibiri

vendredi 10 Rusama 2013

Ibisagara bibiri vyo mu gihugu ca Mali: Ménaka na Gossi vyatewe n’abihevyi mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Rusama 2013.

Muri abo bihevyi, abaharurwa kuri bane nibo basandavye, abasirikare babiri nabo barakomereka.

Mu gisagara ca Ménaka kiri ku birometero amajana atatu mu buseruko bwa Gao, igitero ca mbere cari kigamije ikambi y’abasirikare bo muri Nigeriya ariko Imana yakinze, abahitanwe n’ico gitero muri ico kibanza ni abo bihevyi gusa, nk’uko vyamenyeshejwe n’abasirikare bo muri Nigeriya na Mali bari muri ico kibanza.

Igitero ca kabiri cabereye i Gossi, ku birometero ijana na mirongo umunani na bitanu mu burengero bwa Gao: abihevyi batatu nibo bahasize ubuzima, abasirikare babiri bo mu gihugu ca Mali nabo barahakomerekera.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.