Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Abiyahuzi Bafise Ibibombe Barahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abiyahuzi Bafise Ibibombe Barahagaritswe

Mali: Abiyahuzi Bafise Ibibombe Barahagaritswe

dimanche 10 Ruhuhuma 2013

Abategetsi batangaje kw’abantu babiri baregwa ko bari biboheyeko amambe, bahagaritswe hafi y’igisagara ca Gao ejo ku musi wa gatandatu.

Ivyo bibaye haheze umusi umwe umwiyahuzi yiboheyeko bombe akoreye igitero ku kirindiro ca gisirikare, hafi y’ico gisagara co mu buraruko.

Umuvugizi w’igisirikare c’igihugu ca Mali hamwe n’abantu bavyiboneye, bavuga kw’abo bagabo babiri bafatiwe kw’ibarabara rigana mu gisagara ca Gao.

Abasirikare b’igihugu ca Mali baciye bakomeza igikorwa co gucungera umutekano, inyuma y’aho habereye igitero ku musi wa gatanu. Umumenyeshamakuru wo mur’ico gisagara, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’ico kibombe caturikirijwe ku metero cumi z’ikirindiro ca gisirikare.

Umurwi w’abagwanyi witwa MUJAO, waratangaje kw’ariwo wakoze ico gitero co ku musi wa gatanu. Uyo murwi waratangaje kandi kw’uzobandanya gukora ibindi bitero ku basirikare b’igihugu ca Mali, ngo kuko bifatanije n’abo, uyo murwi wita kw’arabansi ba Islamu.

Uyo murwi n’umwe mu mirwi yitwaje ibigwanisho, yari yarigaruriye intara zitari nke zo mu buraruko bw’igihugu, imbere y’uko abasirikare b’abafaransa, binjira gutabara mu kwezi kwa mbere.

Radio France International, ku musi wa gatanu, yaratangaje amakuru avuga kw’abategetsi bo mu gihugu ca Mali, batanze umutahe wo guhagarika umukuru w’umurwi MUJAO; umukuru w’umurwi Ansar Dine hamwe n’umukuru w’umurwi w’abaTouareg, uzwi kw’izina MNLA. Iyo mirwi yose uko ar’itatu, yaragirijwe uruhara mu mutekano muke waranzwe mu buraruko bw’igihugu. Amakuru yerekeye ubwicanyi bwabaye ku musi wa gatanu, yaratumye iyindi nkuru ikomeye y’abasiriakare 70 bo mu bihugu vy’ibulaya barungitswe kwigisha no kumenyereza abasirikare b’igihugu ca Mali, idatangazwa cane.

Abo nibo basirikare ba mbere, mu basirikare 500 bazoja kwigisha hamwe no kumenyereza abasirikare b’igihugu ca Mali.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.