Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Amatora y’umukuru w’igihugu ntazokwigizwa inyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Amatora y’umukuru w’igihugu ntazokwigizwa inyuma

Mali: Amatora y’umukuru w’igihugu ntazokwigizwa inyuma

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Mu gihugu ca Mali ubutegetsi bwashize ahabona itunganywa ry’amatora y’umukuru w’igihugu azotangura igenekerezo rya 7 Mukakaro umwaka w’2013.

Ku makenga yari ahari, umukuru w’umugwi utegura amatora yarandikiye umushikiranganji w’intwaro amusaba kwihweza gushasha ikirangamisi c’amatora. Ku bwiwe, ibiringo ntibizokwubahirizwa.

Manga Dembele, umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru amenyesha ko kwigiza inyuma amatora bitazotera ikibazo, aho avuga ati: “ Twiyemeje muri iyo nteguro ko ubutaka bwose buzoba buri mu minwe y’ubutegetsi bwa Mali mu kwezi kwa Mukakaro”

Aberwa bose n’iyo nteguro y’amatora (ubutegetsi, umurwi w’amatora, imigambwe ,amashirahamwe yigenga n’abandi) bakoranye kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 25 mw’ikoraniro rihambaye, rizomara iminsi ibiri, ryateguwe n’ishirahamwe rikurikirana iyubahirizwa rya demokarasi.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.