Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Amatora yabaye mu mutekano ntangere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Amatora yabaye mu mutekano ntangere

Mali : Amatora yabaye mu mutekano ntangere

lundi 29 Mukakaro 2013

Abanyagihugu bo muri Mali bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu ku munsi w’ejo. Inyuma y’amasaha make gusa ayo matora abaye, icabonetse n’uko ayo matora yagenze neza muri rusangi n’aho impungenge z’uguhungabana kw’umutekano zitari zibuze.

Abarorerezi yaba abo mu gihugu canke mvamakungu bose bamenyesheje ko banezerejwe n’uko amatora yagenze.
Abanyagihugu imiliyoni indwi nibo bari bitezwe mu tuzu tw’amatora ku ncuro ya mbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Muri ico gihugu, hakozwe amatora y’umukuru w’igihugu kuva aho abasirikare bayobowe n’abafaransa baburije abanyeshamba b’abayisilamu gufata ico gihugu mu mwaka uheze.
Biragaragara rero ko amatora yabaye mu mahoro n’aho abatari bake batari bavyizeye.
Abantu benshi bitabiriye amatora ku murwa mukuru wa Bamako, bari batonze imirongo ku biro vy’amatora yarangiye isaha imwe y’ijoro.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.