Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Bariteguriye amatora agiye kuba y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Bariteguriye amatora agiye kuba y’umukuru w’igihugu

Mali: Bariteguriye amatora agiye kuba y’umukuru w’igihugu

mercredi 3 Mukakaro 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yaremeje adakekeranya ko amatora y’umukuru w’igihugu azoba atagisivya igenereko rya 28 Mukakaro 2013. Ariko icuka akaba atari ciza hagati yabashaka ko ikiringo mfata kibanza gihera ningonga n’abatinya ibishobora gushika inyuma y’amatora.

Abanyagihugu bo muri Mali bari batanguye gukekeranya ko amatora y’umukuru w’igihugu azoba kubera abajejwe gutunganya ayo matora bari batevye kuyatunganya.
Ariko igenekerezo rya 28 Mukakaro yaramaze kwemezwa ku mugaragaro ko ariho amatora y’umukuru w’igihugu. Ku bwa Soumaila Cisse uwitoza, ari muri URD (Union pour la république et la démocratie), ategerezwa kuba ahari kuri iyo sango yashinzwe y’amatora y’umukuru w’igihugu. Ico kirangaminsi kikaba cashinzwe n’abategetsi bari ku ntwaro mfatakibanza, kandi kikaba gitegerezwa gukurikizwa. Kubwa URD, nta nsiguro ihari yo kwegeza amatora inyuma n’ubwo CENI yomenyesha ko ifise ingora kuko ingorane ntizotorerwa inyishu ngo ni uko amatora yigijwe inyuma gato.

Ariko ku bwa Iba Ndiaye, umukuru w’igihugu wo muri mali w’imfatakibanza, avuga ati : « amatora yotuma yigizwa inyuma hako atokorwa» , ari naco gituma hakenewe inyifato nziza y’abanyepolitike mu kiringo c’amatora. Adema (Alliance pour la democratie au Mali) igasaba abari ku butegetsi kugirisha inama mu maguru masha abagiye kwitoza n’abari mu migambwe ya politike kugira bumvikanire hamwe k’ukungene amatora azokorwa kugira birinde ivyoza bihungabanya amatora eka n’inkurikizi zitari nziza zishobora kuba inyuma y’amatora.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.