Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali:Ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero bisaba ONU gufasha mu maguru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali:Ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero bisaba ONU gufasha mu maguru (...)

Mali:Ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero bisaba ONU gufasha mu maguru masha

dimanche 20 Nzero 2013

Kuri uno wa gatandatu, i Abidjan, ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero ryarasavye ONU gufasha mu gutanga mu maguru masha ivyankenerwa ku basirikare bo mu karere bariko barwana imigwi y’intagondwa z’aba islam ziri m’uburaruko bwa Mali.

Abategetsi b’ibihugu vyo m’uburengero bw‘Afrika, aho bari bakoraniye I Abidjan mu gihugu ca Côte d’Ivoire kuri uno wa gatandatu,basavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, gufasha mu bijanye n’uburyo n’ibikoresho mu maguru masha mw’irungikwa ry’abasirikare bo mu karere mu gihugu ca Mali.

Muri ico gihe nyene,igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza bavuze ko biteguriye kugwanya intagondwa ziri mu muhari Al-Qaïda mu bihugu bigizwe n’igice kinini c’ubugaragwa,ariko bakaba bamenyesheje ko batazorungika abasirikare muri ako karere.

JPEG - 40.9 ko

Ku vyerekeye igihugu c’u Bufaransa,bumaze kurungika abasirikare 2000 mu gihugu ca Mali,igitigiri gishobora kuduga kigashika mbere kikarenga 2500 mu minsi ya vuba.Umukuru w’igihugu Francois Hollande akaba yasiguye ko u Bufaransa bushobora kuguma mu gihugu ca Mali mu gihe cose kizoba gikenewe kugira abakoresha iterabwoba bave muri ako gace ka Afrika.

Muri iyo nama, ishirahamwe Cedeao ryasavye ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryoshigikira mu gutanga uburyo n’ibikoresho kuri Misma, inteko mpuzamakungu zo gufasha mu gihugu ca Mali.Nayo ibihugu bigize Cedeao vyasabwe gutanga abasirikare vyemeye muri izo nteko.

Tubamenyeshe ko ako karere ko m’uburaruko bwa Mali kari mu minwe y’imigwi y’abagwanyi b’aba islam haraheze amezi 9.

JPEG - 110.7 ko

Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.