Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: IBK yatsindiye kuba umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: IBK yatsindiye kuba umukuru w’igihugu

Mali: IBK yatsindiye kuba umukuru w’igihugu

mardi 13 Myandagaro 2013

Uwahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca Leta Soumalia Cisse, amenyesha ko yakeje uwo bahiganywe Ibrahim Boubakar Keita, amwipfuriza amahirwe.

Keita w’imyaka 68, yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu 1994 gushika mu 2000. Mali yari imaze umwaka mu ngorane zitandukanye, harimwo no gutembagaza ubutegetsi, aho ingabo z’abafaransa zagiye kugarukana umutekano zagerageje gukura abarwanyi bifatiye akarere k’Uburaruko. Nta biharuro biratangazwa ku mugaragaro ku matora yasubiwemwo ku munsi w’Imana, ariko amakuru avuga ko Keita ariwe afise amajwi menshi.

Mu matora ya mbere, Cisse yaronse amajwi 19% gusa, Keita aronka 40%, abandi bariko barahiganwa baca bashigikira Keita. Keita azwi cane kw’izina rya IBK, ubu agiye kuzotunganya ikoreshwa ry’imiliyaridi zine z’amadollars ya Amerika, amakungu yemereye Mali kugira yongere kwiyubaka. Ingabo zigera ku 12,600 zo mu rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu zizoja kugarukana umutekano muri Mali MINUSMA, zimaze gutangura kuhagera, mu gihe iz’abafaransa nazo zitanguye kuhava. Inyuma y’amatora yo ku ncuro ya mbere, Cisse yari yavuze ko habaye ubusuma, aho yemeje ko amajwi 400,000 yabaye impfagusa.

Ariko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yaranse ico kirego. Umukuru w’umurwi w’indorerezi zarungitswe n’ishirahamwe rya Buraya, yashimye uko amatora yatunganijwe n’uburyo yabaye ku mugaragara. Ejo, indorerezi z’ishirahamwe rya Buraya n’abo Ubumwe bwa Afrika barashimye kandi uko ayo matora yo ku ncuro ya kabiri yagenze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.