Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Ibrahim Boubacar Keita ashobora kuba ariwe yatsinze amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Ibrahim Boubacar Keita ashobora kuba ariwe yatsinze amatora

Mali: Ibrahim Boubacar Keita ashobora kuba ariwe yatsinze amatora

vendredi 2 Myandagaro 2013

Naho bari bamenyesheje ko ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ya nyuma mu Gihugu ca Mali vyahava bimenyekana kuri uyu wa kane, vyahavuye bihinduka bija kuri uyu wa gatau igenekerezo rya 2 Myandagaro.

Ivyavuye muri ayo matora bikaba vyitezwe ko biza kumenyekana ku kibiriraho kuri ORTM, imboneshakure yo ngaho mu gihugu ca mali, guhera isaha umunani z’umuhingamo. Kuri uno munsi wa kabiri, Colonel Moussa Sinko coulibaly, umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yari yatanze amanota y’imfatakibanza aho Ibrahim Boubacar Keita ko ariwe aja imbere. Kuva aho abo batavuga rumwe na IBK, soumaila Cisse ariwe ari umukuru w’abo batavuga rumwe na IBK, ntibahengeshanya kwiyamiriza ko ivyo biharuro vy’imfatakibanza atari vyo na gato. Ku bw’abo ngo ibice 12 kw’ijana vy’amajwi ni ukuvuga ibiro vy’amatora bigera 2653 kuri 20000 vyari bimaze guharurwa, mu gihe bamenyesha ivyavuye muri ayo matora vy’imfatakibanza.

Umugambwe wa Soumalia Cisse Union pour la République et la Démocratie(URD), wariyamirije ayo matora yibwe. Ku munsi wa kane izo mpande zose uko ari zibiri zaguma zivuga ibiharuro biriko birava muri ayo matora. Umugambwe RPM, ibiharuro vyaja hagati ya 53 hamwe na 55 kw’ijana, k’uwabaserukiye ariko abanywanyi ba Soumalia cisse bamenyesha ko abanywanyi ba Soumalia bavuga ko uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yaronse amajwi 44 kw’ijana.

Kuba begeje inyuma ivyavuye mu matora, ngo vyavuye ko habaye icerwa ry’ivyo batorerako i Bamako nko mu karere ka Gao, Sikasso. haraheze imisi ibiri, amakuru amwe amwe avuga ko umugambwe IBK, ariwo babona kushobora gutsinda amatora. Ariko kuri uno wa gatanu ibintu vyahindutse. Ivyo rero bibaye bikaba vyotera umutima uhagaze kuko abanywanyi ba IBK, baragandagaje kandi baraboneka cane mu mabarabara yo ngaho mu gisagara ca Mali kuva kuri uwu w’Imana uheze.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.