Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Igisasu caturikiye muri Gao inyuma y’umunsi w’indwano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Igisasu caturikiye muri Gao inyuma y’umunsi w’indwano

Mali : Igisasu caturikiye muri Gao inyuma y’umunsi w’indwano

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Igisasu caturitse mu gatondo ko kuri uno wa mbere mu gisagara ca Gao, inyuma y’umunsi w’indwano zabereye muri ako karere kari m’uburaruko bw’igihugu ca Mali.Ico gice co m’uburaruko bw’igihugu ca Mali cabereyemwo indwano kuva kuwa gatanu.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Le Monde abimenyesha,hari nk’igihe c’isaha cumi n’imwe zo mu gatondo aho urwamo rw’igisasu rwumvikana mu gisagara kinini kiri m’uburaruko bw’igihugu ca Mali.

Ico gisasu cemejwe n’abasirikare b’igihugu ca Mali aho bemeza ko coba caturutse m’uburaruko bw’igisagara kw’ibarabara rya Bouren ryabereyeko ibitero vy’abakamikaze b’abaislam kuri uno wa gatanu mu gatondo no kuwa gatandatu mw’ijoro.

Indwano zamaze amasaha menshi kuri uno w’Imana zarahagaze mw’ijoro,abasirikare b’abafaransa n’abo mu gihugu ca Mali bavuga ko bari bakuye abagwanyi hagati mu gisagara ca Gao ariko ngo bafise ubwoba ko hoba hakiri abarwanyi mu gisagara ca Gao.

Amasasu yarumvikanye k’umuhingamo wo kuri uno w’Imana hagati y’abasirikare ba Mali n’abarwanyi b’abaislam hafi y’inyubakwa yakoreramwo igipolisi c’imigwi y’abaislam igihe bari bafashe ico gisagara.

Nk’uko umwe mu ntwazangabo zo mu gisirikare ca Mali yabimenyesheje ikinyamakuru Le Monde,ngo inyuma y’amasasu menshi,abasirikare b’abafaransa baciye bahashika,akaba kandi ngo yarabonye ikiziga c’umunyagihugu yishwe n’urusasu rwatakaye.

Nk’uko uwo mutegetsi mu gisirikare ca Mali abandanya abimenyesha ngo abarwanyi batari bake boba bariciwe muri izo ndwano.

Tubamenyeshe ko umuhari Mujao uhurikiyemwo aba islam bavuga ko baharanira ubumwe bwa Afrika y’uburengero,bari bafashe igisagara ca Gao n’uburaruko bwa Mali haraheze amezi atari make bamaze kwemera ko aribo bagize ivyo bitero.

Uwo mugwi umaze iminsi ugira ibitero vy’abihevyi,batega ibisasu ku mabarabara, bongera bagira ibitero bitwaje ibirwanisho mu gisagara.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.