Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali :Imishamirano yahitanye abantu i kidal - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali :Imishamirano yahitanye abantu i kidal

Mali :Imishamirano yahitanye abantu i kidal

samedi 20 Mukakaro 2013

Abantu bane barishwe, abandi benshi barakomereka, isoko nkuru yo ngaho yaraturiwe mu ngwano yahuje abatuwarege hamwe n’abirabure bari mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Mali, ica ituma ibintu bisubira kumera nabi imbere y’indwi imwe gusa imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Iyo mishamirano yatanguye ku musi wa kane y’isaha zine z’ijoro, aho abantu bitwaje ibirwanisho bateye abanyagihugu, abantu bane bahasiga ubuzima, abandi barakomereka, vyamenyeshejwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi. Amazu hamwe n’amabutike vyarasahuwe kuri uwu wa 5, isoko riraturirwa vyabandanijwe bivugwa n’itangazo ryavuye mu bushikiranganji.

Iyo mishamirano ikaba yadutse imisi icenda imbere y ’uko haba amatora y’umukuru w’igihugu, aho ayo matora bibaza ko azonywanisha akongera agasubiza ibintu mu buryo mu vyerekeye ibwirizwa Nshingiro ryahagaritswe mu kwezi kwa ntwarante 2012 inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi. Amatora akaba azobera i kidal ku genekerezo rya 28 mukakaro n’ahandi hasigaye muri Mali, inyuma y’uko igisoda carungitswe n’ubufaransa kuza gutabara mu kwirukana imirwi y’intagondwa z’abislamu bafise ibirwanisho bari mu karere ko mu Buraruko bw’igihugu.

Mu gatondo ka kare k’umusi wa gatanu, inkuru ziva mu gisirikare c’afrika ziri muri Mali, Minusma zamenyesheje Ikinyamakuru AFP ko imishamirano yabaye hagati y’umurwi w’abatuwarege aho bagirizwa kuba bari muri Mnla, hamwe n’abanyagihugu babirabure.

Vyarunyuwe ni ibihuha ko hagiye kuza abandi basirikare baza gufasha muri ico gihugu ca Mali aho bashitse ngaho ku genekerezo rya 5 Mukakaro baho bashika kw’150 vyatumye haduka imishamirano hagati y’abatuwaregi hamwe n’abandi banyagihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.