Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Imyiyerekano yiyamiriza ibicapo bityoza Mohamed - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Imyiyerekano yiyamiriza ibicapo bityoza Mohamed

Mali : Imyiyerekano yiyamiriza ibicapo bityoza Mohamed

samedi 17 Nzero 2015

Ibihumbi vy’abamusulmans bo mu gihugu ca Mali bamye mu myiyerekano idasanzwe ku murwa mukuru Bamako biyamiriza ikinyamakuru casohowe na Charlie Hebdo .
Ku nzandiko bari bafise , bandika bati ‘’Je ne suis pas Charlie’’ bisigura sindi Charlie Si indi mu mirwi y’iterabwoba . Hasi Charlie’’

Mw’itangazo ryasomwe na Mohamed Kimbiri , abatunganije iyo myiyerekano biyamiriza bivuye inyuma urwanko rutagirizina rw’ico kinyamakuru , rwinyegeza inyuma y’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu kugira bashobore gukora ku mitima y’imiriyaridi z’abantu bemera umuhanuzi Mohamed hamwe n’idini rya Islamu ubwaryo.

Ndetse abo bari mu myiyerekano biyamirije bivuye inyuma agacerere ka bamwe mu basanzwe baharanira agateka ka zina muntu, kuri urwo rwanko ico kinyamakuru cerekana ko gifitiye idini rya Islamu mbere rusa n’urwamaze gutandukira ibihugu vya buraya.

Umukuru w’inama nkuru y ‘abanyaislamu mu gihugu ca Mali , Imam Mahamoud Dicko ariyamiriza yivuye inyuma ibicapo hamwe n’ibikorwa vy’iterabwoba vyakorewe igihugu c’ Ubufaransa. Mahamadou Diallo, yariyamirije yivuye inyuma ibikorwa vyose vy’iterabwoba agira ati : ntabwo dushigikiye iterabwoba na gato. Ivyabaye mu gihugu c’ Ubufaransa ni ibikorwa vy’ubunyamaswa , umunya islamu ntabwo yifata nka kurya bifashe , nk’uko abandanya abimenyesha

N’abari bitavye iyo myiyerekano bariyamirije ibicapo bikorwa na Charlie Hebdo, bose bahuriza ku kwiyamiriza iterabwoba kw’isi hamwe no kwiyamiriza ibicapo vyo gurtyoza intumwa yabo Mohamed.

Tubamenyeshe ko iyo myiyerekano yari yitabwe n’abanya islamu bagera ku bihumbi bitanu hamwe n’abandi ibihumbi cumi bagiye kwiyongerako mu nyuma , iyo myiyerekano ikaba yarangiye ata numwe ahakomerekeye.


Floxella Karire

Messages

  • MOHAMMED ARARIRA ABONYE INGENE BAMARANA IYO NSOBANURO IRAKWIYE

  • weshaa wiyita kuri MUHHAMAD woba umuzi kwabarundi mukunze guhandwa kururimi ararira arizwa niki?ko arintumwa yimana nyenicubahiro ivyo navyo muvugana agashinyaguro be muvuga ivyo muzi ibindinavyo muvyihoze ntahutaniye nabo bagesera bico kinyamakuru charlie habdo.

  • abobagesera babahakanyi baturondeko iki konajuru bateze kuronka kandi kanabo babizi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.