Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: imyuzurira yahitanye abantu barenga 20 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: imyuzurira yahitanye abantu barenga 20

Mali: imyuzurira yahitanye abantu barenga 20

vendredi 30 Myandagaro 2013

Ubuzima bw’abantu bagera kuri 20 nibwo bwahitanywe n’imyuzurira iri i Bamako ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali. Iyo myuzurira ikaba yaturutse ku mvura nyinshi yaguye kuva ku mugoroba w’umunsu wa gatatu.

JPEG - 51.2 ko
Umwuzurira uri i Bamako muri Mali

Imvura y’isegenya yatanguye kurwa ku munsi wa 3 mw’ijoro ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali wateye umwuzirira murico gisagara. Uwo mwuzurira ukaba umaze guhitana abantu 23. Ico gitigiri kikaba gitangwa na Alassane Bocoum, umuyobozi ashinzwe iterambere ryo mu mibano mu bushikiranganji bwo gufata mu nda no gufasha abahuye n’ivyago. Hambavu yabo bitavyimana, abarenga igihumbi baba i Bamako ntibagira aho bakika umusaya.Inzu ziharurwa mu majana nizo zimaze gusenyurwa n’uwo mwuzurira.

Ababa i Bamako bakaba bavugako imvura yaguye atayo bari bamenyereye kubona mu bindi bihe vy’imvura. Umwe mu baba i Bamako amenyeshako amazi yinjiye mu nzu yiwe gushika ku rugero rwo ku mavi. Amasanamu yerekanywe n’imboneshakure y’igihugu ca Mali yerekanye imiduga iriko itwarwa n’uwo mwuzurira hamwe n’abantu bariko bagerageza gutabara abandi. Ababonye izosanamu bakaba bavugako yari « amasanamu y’agahomerabunwa, ateye ikigongwe».

Uwo mwuzurira ukaba uri i Bamako ahanini, na cane cane mu makaritiye ashaje asanzwe arwiriyemwo amazi muri ico gisagara. Kukaba nkako, ico gisagara cubatse ku nkengera z’uruzi Niger. Muyindi mihingo ya Mali, iyo myizurira ikaba isanzwe cane ugereranije no ku murwa mukuru.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.