Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Le Drian arashima ubutwari bw’abasirikare b’Ubufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Le Drian arashima ubutwari bw’abasirikare b’Ubufaransa

Mali: Le Drian arashima ubutwari bw’abasirikare b’Ubufaransa

vendredi 8 Ntwarante 2013

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubufaransa Jean-Yves Le Drian aho ari i Gao muri Mali, arashima ubutwari,igikorwa,kurinda hamwe n’ubwitange bw’abasirikare b’Ubufaransa bari muri Mali.

Nk’uko amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Ntwarante, igihe yari ahejeje guca mu karere ka Ifoghas, ahabereye indwano zikomeye hagati y’abasirikare b’Ubufaransa bari kumwe n’abasirikare bava mu bihugu vya Afrika n’intagondwa z’aba islamu,Jean-Yves Le Drian yavuze ko anezerezwa cane no kuba ari umushikiranganji akorana n’abasirikare bitwara nk’abo basirikare bari muri Mali.

Ku kibuga c’indege,igihe yahashika,yakiriwe n’umukuru w’ibiro vy’abasirikare muri Mali,General Ibrahim Dahirou Dembele,hamwe n’abasirikare bababa 250 b’abafaransa baririmbanye nawe ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Ubufaransa.

Muri urwo rugendo yagize atabiteguje,Le Drian bitegekanijwe ko azobonana n’umukuru w’igihugu ca Mali w’infata kibanza Dioncounda Traore n’umushikiranganji wa mbere Diango Cissoko.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.