Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Petero Buyoya arashimishwa n’uburyo inteko z’Afrika zitwara ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Petero Buyoya arashimishwa n’uburyo inteko z’Afrika zitwara ku (...)

Mali: Petero Buyoya arashimishwa n’uburyo inteko z’Afrika zitwara ku rubuga

dimanche 2 Ruheshi 2013

Igisoda kiriko kiragarukana amahoro mu gihugu ca Mali, kiragenderwa kenshi n’abarongoye urwego MISMA, mu ntumbero yo gutera intege abo basirikare ba Africa bariko bakorera hamwe mu gutsimbataza amahoro muri Mali, urwo rwego rukaba rurongowe na Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, ubu akaba ari umukenguzamateka.

Petero Buyoya rero yari yagiye kugendera abasirikare bariko baragarukana umutekano mu gace ka Tombouctou muri iyi ndwi turiko turasozera, aho naho hakaba hari i batayo yabasirikare b’ababadenya ni ukuvuga : « Abavukanyi » mu rurimi rwo muri Burkina Fasso. Aho rero i Tombouctou akaba ariho hari ikirindiro gikuru c’abo basirikare baje bava muri Burkina Fasso, hafi ndetse y’ikibuga c’indege.

Umukenguzamateka Petero Buyoya yashitse aho i Tombouctou igihe c’isaha imwe n’igice z’igitondo aje kwirabira uko umutekano wifashe, uko abanyagihugu babayeyo. Arikumwe n’abari bamuherekeje, Petero Buyoya yakiriwe na Colonel Gilles Bationno, ariwe yashikirije abamurongoye uko ibintu vyifasshe aho i Tombouctou.
Muri ako gace rero ubu amahoro ariko aragaruka nk’uko uwujejwe inteko zicungera umutekano yabivuze, kuko i Ber hafi ya Tombouctou niho habereye amarorerwa hagati y’abatouarege n’abarabu, aho ubusuma, n’ubundi bukozi bw’ikibi butandukanye bwibonekeje muri ako gace.

Uwurongoye igisoda rero caje kugarukana amahoro aho i Tombouctou yarashimiwe rwose n’abarongoye MISMA, ndetse n’abasirikare bose muri rusangi kubona amahoro yagarutse, ndetse kubona abarima, abaja gusenga, abakora ubuzi bwa Leta butandukanye, abikorera utwabo n’abari mu mashirahamwe yigenga bose ubu barasubiye ku kivi. Ubu rero abari barahunze bariko barahunguka, ndetse n’amashirahamwe mpuzamakungu akaba ariko arafasha bimwe biboneka, ku mfashanyo bagenda baratanga.

Umukenguzamateka Petero Buyoya rero yahoze arongoye Uburundi, ubu akaba arongoye MISMA muri Mali, yaciye aja kubonana na buramatari w’akarere ka Tombouctou Mamadou Mangara, arikumwe n’abarongoye amashengero ndetse n’abaserukira imiryngo muri ico gisagara. Muri uyo mubonano, bavuganye ibijanye n’ubuzima abanyagihugu babayemwo ndetse n’ugukora uko bashoboye kugira baronswe umuyagankuba, utuma ibikorwa vyinshi vya Leta ndetse n’iyindi mirimo idakorwa neza.

Abanyagihugu rero bavuga ko igihe igisirikare c’Ubufaransa cava aho i Tombouctou, batari bizeye inteko z’Afrika, ariko ubu izo nteko zikaba zikora bigashimwa mu kugarukana umutekano muri ico gihugu. Petero Buyoya ahiwe ngo arashimishwa n’intambwe bagezekokuko ibice bimwe bimwe vyari vyaraseserejwe n’umutekano muke, ubu abanyagihugu bakaba bariko barasubira mu twabo .


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.