Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Petero Buyoya asaba ko amasezerano y’i Wagadougou yokurikizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Petero Buyoya asaba ko amasezerano y’i Wagadougou yokurikizwa

Mali: Petero Buyoya asaba ko amasezerano y’i Wagadougou yokurikizwa

mercredi 2 Gitugutu 2013

Inyuma y’amezi abiri gusa habaye amatora mu gihugu ca Mali, ibintu n’ubu ntivyifashe neza ku buryo imirwano iguma yaduka mu turere dutandukanye nka Kati, Kidal na Tombouctou.

Kuri ivyo, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu gihugu ca Mali, Petero Buyoya yahoze ari umukuru w’igihugu c’ Uburundi, asaba ko amasezerano y’i Wagadougou yokurikizwa haba ku ruhande rwa Leta canke ku ruhande rw’abarwanya Leta ya Ibrahim Boubacar Keita. Buyoya abandanya avuga ko ibiriko birashika mu gihugu ca Mali ubu hari ibigenda neza, n’ibitagenda neza. Umuti wivyo vyose ku bwa Pertero Buyoya intumwa idasanzwe y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika muri Mali, akaba ari ugukurikiza amasezerano, ndetse akaba anamenyesha ko Leta iriko iragerageza gushira mu ngiro ivyo yasabwe, naho impfungwa za politike zitararekurwa.

Kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga, hakaba hari imirwano mu bisagara vya Tomboctou, Kidal na Kati, ivyo ndetse bikaba vyatumye mu rugendo umukuru w’igihugu ca Mali yarimwo mu gihugu c’Ubufaransa ejo ku munsi wa kabiri, yaruciriye hagati, aca anyaruka gusubira mu gihugu iwe, mu gihe hari urukurukuru ko ubutegetsi bwiwe bwashobora guhirikwa, mu gihe igisagara ca Kati catewe kiri ku birometero icumi gusa vy’umurwa mukuru Bamako.

Twobamenyesha ko no muri iri joro ryakeye, imirwano yabandanije hagati y’umurwi w’abasirikare bikuye mu gisirikare, hamwe n’abasoda ba Leta, aho ikambi y’abasirikare yitwa Soundiata Keïta de Kat, yatewe, bikavurwa ko umukuru w’iyo kambi yoba yakomeretse, inyuma y’ugufatwa n’abo basirikare bagumutse.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.