Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Umuji wa Timbuktu nawo uri mu gufatwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Umuji wa Timbuktu nawo uri mu gufatwa

Mali: Umuji wa Timbuktu nawo uri mu gufatwa

dimanche 27 Nzero 2013

Abasirikare b’Abafaransa bariko baregereza umuji wa Timbuktu mu buraruko bwa Mali, wari usigaye ukiri mu minwe y’abarwanyi ba ki Islam.

Abanyamakuru bari muri Mali bavuga ko vyitezwe ko Abafaransa bafata Timbuktu ata nkomanzi.

Habaye kandi ibitero vy’indege mu muji wa Kidal, aho ibitero vy’abarwanyi muri Mali vyatanguriye mu kwezi kwa Gatatu mu mwaka uheze.

JPEG - 28.7 ko

Kuwa Gatandatu abasirikare b’Ubufaransa n’aba Mali bamenyesheje ko bafashe umuji wa Gao abarwanyi bari bakomeyemwo.

Vyitezwe ko ikibazo ca Mali ciharira umwanya munini mu nama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika iriko irabera ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.