Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: Umukuru wa Al-Qaida muri Maghreb yarishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Umukuru wa Al-Qaida muri Maghreb yarishwe

Mali: Umukuru wa Al-Qaida muri Maghreb yarishwe

samedi 2 Ntwarante 2013

Umukuru w’igihugu ca Tchad Idriss Deby Itno,yaremeje kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2013,ko abasirikare ba Tchad bishe Abou Zeid umukuru w’abarwanyi ba Alikayida( Al Qaida) mu karere ka Maghreb Islamique.

Abategetsi b’abafaransa n’aba Algeriya ntibaremeza ayo makuru,ariko ibipimo vy’amaraso ADN vyoba biriko birakorwa kugirango bamenye neza nimba ariwe vyukuri yishwe.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique abimenyesha,kuri uno wa gatanu mu gihe bari bahejeje ibirori vyo gushingurana iteka abasirikare 26 bava mu gihugu ca Tchad biciwe mu gihugu ca Mali,umukuru w’igihugu Idriss Deby Itno yamenyesheje ari I N’Djamena ko Abou Zeid umukuru wa Alikayida( Al-Qaida) yishwe n’abasirikare ba Tchad mu ntambara zabaye hagati y’abasirikare ba Tchad n’intagondwa z’aba islam barwanira mu karere ko m’uburaruko bwa Mali.

Gushika ubu,indege z’indwano z’Ubufaransa nizo bivugwa ko ziri muzatumye urupfu rw’uwo mugabo,naho nyene amakuru ataravyemeza neza.

JPEG - 14.3 ko

Imbere y’abatavugarumwe na Leta ya Tchad n’abamenyeshamakuru,umukuru w’igihugu ca Tchad yemeje ko Abou Zeid yishwe ari kumwe n’uwundi mu barongozi ba Al-Qaida mu bitero vyabaye kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma uno mwaka.

Ikinyamakuru El Khabar co mu gihugu ca Algeriya camenyesheje ko ibipimo vy’amaraso ADN vyakozwe ku bantu babiri bo mu muryango wa Abou Zeid kugira bashobore kumenya ko ikiziga catowe coba ari iciwe koko.

Ku ruhande rw’igihugu c’Ubufaransa banse kwemeza urwo rupfu,umukuru w’igihugu Francois Hollande yavuze ko ayo makuru ariko aravugwa ariko ko adashobora kuvyemeza kuko intumbero bafise ari iyo gutegerezwa gushika ku mpera y’igikorwa bafise mu gihugu ca Mali.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.