Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : umusirikare w’umufaransa agira kane yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : umusirikare w’umufaransa agira kane yishwe

Mali : umusirikare w’umufaransa agira kane yishwe

mercredi 6 Ntwarante 2013

Umusirikare w’umufaransa yiciwe mu gihugu ca Mali kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante 2013, mu gihe bariko barakizura mu bubuseruko bw’ico gihugu, ku birometero 100 hafi y’igisagara ca Gao.

Nk’uko amakuru ava ku kinyamakuru jeuneafrique abivuga, urwo rupfu rwatangajwe na Elysée mwitangazo bashize ahabona. Uyo musirikare yishwe mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, mugihe bari mu rugendo rw’akazi hafiy’igisagara ca Gao.

Mw’itangazo umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande yasohoye, araha icubahiro uwo musirikare ku bikorwa vyiza yakoze, n’umwete yagize muri ico gikorwa kitoroshe co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Mali kuko imirwi y’intagondwa yari yahigaruriye.

Frnçois Hollande yaremesheje umuryango w’uwo musirikare, kandi ara namenyesha ko Leta arongoye izobafata mu mugongo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.