Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Urupfu rw’abasirikare 50 nirwo rwatumye atanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Urupfu rw’abasirikare 50 nirwo rwatumye atanga imihoho

Mali : Urupfu rw’abasirikare 50 nirwo rwatumye atanga imihoho

mercredi 28 Rusama 2014

Inyuma y’aho abasirikare bagera kuri 50 biciwe abandi barenga 40 bagakomereka cane mu mirwano yahuje igisirikare ca Mli n’abarwanyi baba touareg, umushikiranganji wo kwivuna abansi yatanze imihoho.

Muri iyo mirwano bivugwa ko yaguyemwo n’icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Mali, abarwanyi baba touareg boba bateze umutego abo basirikare, benshi muri bo bagaca bahasiga ubuzima. Naho umushikiranganji adatanga neza imvo z’itanga imihoho ryiwe, urupfu rwabo 50 ndetse n’imirwano yabereye mu Buraruko bwa Mali, vyoba biri mu vyamutumye aheba amabanga yari ajejwe y’ukuba umushikiranganji.

Twobibutsako General Soumeylou Boubèye Maïga umushikiranganji wo kwivuna abansi, yemeza ko mu mirwano yo kuva ku wa 17 kugeza ku wa 21 Rusama, babuze abasirikare bagera kuri 50 bapfuye, nayo abandi bagera kuri 48 bagakomereka cane, n’ibintu vyinshi vyononekaye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nyabuna nyabuna Union Africain nirabe icoyokora ifashe icogihugu ca Mali kigeramiwe nubwobugabo bwubu Touareg nkuko Inseruka rukamvye ingabo zuburundi zigejeje kure igikorwa c’ugutuza Al-Shabaab muri somalie nomuri Centre Afrique naho muri Mali nibakwakwanye barungike Abarundi mumaguru masha bajekubutuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.