Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali: igiye kuronswa imiliyoni 520 z’amafaranga y’amanyaburaya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: igiye kuronswa imiliyoni 520 z’amafaranga y’amanyaburaya

Mali: igiye kuronswa imiliyoni 520 z’amafaranga y’amanyaburaya

jeudi 16 Rusama 2013

Ishirahamwe rya Buraya ryiyemeje kuha Mali amafaranga agera ku miriyoni 520 y’amanyaburaya yo gufasha gusanura igihugu.Iyo ngingo ikaba iterwa kw’igikumu mu nama ibera i Bruxellles.

Uwutwara umugwi nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe, Jose Manuel Barroso yavuze ko ayo mafaranga azofasha ico gihugu co muri Africa y’uburengero kugarukana umutekano, ’’gusubira mu ntwaro ya demokrasi hanwe no gutera imbere’’.
Iyo nama niyo ya mbere kuva ubufaransa burungitse mu kwa mbere ingabo gufasha kurwanya abafashe ibigwanisho bagwanya Leta ya Mali bitwaza idini rya Islam.
Leta ya Mali ifise umugambi wa miliyaridi 4.3 z’amafaranga y’amanyaburaya kugira ivyure igihugu.

Uwo mugambi urimnwo gusubira kwubaka inzego z’igihugu, gusanura ibikorwa vyasambutse, gutunganya amatora y’umukuru w’igihugu, kugira ibiganiro n’abari mw’ishamba bari mu buraruko bw’igihugu hamwe n’ukurondera ub uryo bwo guteza imbere ubutunzi.

Umukuru mfatakibanza wa Mali Dioncounda Traore yavuze, amaze kubonana n’umukuru w’urwego rw’ubutegetsi bw’ishirahamwe rya Buraya ko yizeye ko iyo nama y’abafasha Mali ishobora kuvamwo miriyardi zibiri z’amafaranga y’amanyaburaya.
Ishirahamwe ry’abagiraneza Oxfam rivuga ko abatanga imfashanyo bakwiye kwiyemeza gufasha Mali ku kiringo c’imyaka 15 kugirango hashikwe ku bintu birama.
Oxfam ivuga ko ’’ingorane zo mu bihugu nka Afganistan canke Somalia zerekanye gufata ibintu mu buryo bwa hafi nko gutsinda intambara ya gisirikare ata na rimwe vyigera bikwira kugira haboneke amahoro n’umutekano birama’’.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.