Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mandela bamusabiye ko Umukama yomuronsa ’’imperuka y’amahoro’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mandela bamusabiye ko Umukama yomuronsa ’’imperuka y’amahoro’’

Mandela bamusabiye ko Umukama yomuronsa ’’imperuka y’amahoro’’

mercredi 26 Ruheshi 2013

Abipfuriza Mandela gukira bashize ingori z’amashurwe n’ivyapa imbere y’ibitaro arwariyemwo.

Umumenyeshamana akomeye muri Africa y’Epfo yasabiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Nelson Mandela ’’imperuka y’amahoro’’ mu gihe aremvye cane aho ari mu bitaro. Musenyeri Mukuru Thabo Makgoba yagiye mu bitaro gusuhuza Mandela w’imyaka 94, yifatanya n’umugore wiwe Graca Machel mu gusenga.

Abakurambere bo mu muryango w’aba Tembu wo kwa Mendela, bitezwe kumugendera kuri uyu wa gatatu nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vy’aho muri Africa y’Epfo. Amagara ya Mandela yunyutse ku wa mungu inyuma yo kwinjira ibitaro ku wa 8 uku kwezi kwa Ruheshi, kubera indwara y’amahaha yasubiye kumufata.

Imbere y’ibitaro aho arwariye, abamwifuriza gukira bahasharije n’amashurwe n’ubutumwa bwo kumushigikira, haratekanye, kandi hari n’abamenyeshamakuru benshi. N’ubwa gatatu Mandela aja mu bitaro uyu mwaka, kubera iyo ndwara y’amahaha.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.