Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mandla umwuzukuru wa Nelson Mandela arageramiwe n’ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mandla umwuzukuru wa Nelson Mandela arageramiwe n’ubutungane

Mandla umwuzukuru wa Nelson Mandela arageramiwe n’ubutungane

jeudi 7 Munyonyo 2013

Mandla Mandela, umwuzukuru wa Nelson Mandela ku mwana wa be na Nodiyala, umwe mu bagore bavyaranye, muri kino gihe akaba yamamaye mu binyamakuru avugwa koba yahemvye abamururanira, mu kuba yarimuye bitarekuwe, ibiziga vy’abana b’uwahoze ari umukuru w’igihugu, i Mvezo.

Ku bw’ikinyamakuru gisohoka ku ndwi « City Press » kivuga ko catororokanije ivyo mu butungane, ibiro vy’abashingwamanza vyasaba ko ariha amafaraga angana 467.400 y’ama rand aherekejwe n’ibice 15,5 kwi 100 vy’inyungu hamwe no gutanga amafaranga y’urubanza. Iyo mfura y’umwana w’uhwahoze arwanya intwaro y’agacinyizo muri Afrika y’Epfo, akaba yagirizwa kuba yarasenyuye imva z’abana ba Nelson Mandela, akazimura bidaciye mu mategeko i Mvezo, umusozi w’amavukiro wa sekuru, aho mbere Mandla ari umushingantahe mukuru w’umutumba, akaba anahafitiye imigambi y’iterambere mu bijanye n’utugenegene.

Ivyo biziga vy’abo bana uko ari bitatu bikaba vyahambwe mu kwezi kwa Mukakaro, ku gatumba Nelson Mandela yakuriyeko, ikibanza mbere yiyubakiyemwo aho yipfuza ko bamushingura igihe yokwitaba Imana. Inyuma y’ico caha yagirizwa, Mandla aragirizwa n’ibindi vyaha. Aho twovuga nko kuba yararenze ibigo, mukwabira uwundi mugore bidaciye mu mategeko, uwo nawe akaba ari umugore ava mw’izinga rya Réunion, mw’ibahari indiyano hafi y’igihugu c’ubufaransa. Ku bw’ivyo, Mandla yasabwe ko yotandukira mu maguru masha urubanza rwo kwahukana n’uwo mukenyezi. Ikindi naco, yagirizwa kuba yarashatse kurasa umushoferi w’imodoka, mu mishamirano yariko iraba ihihe hari habaye uruhagarara rw’imodoka mw’ibarabara (embouteillage), mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu, muri uyu mwaka w’ 2013.

Twobibutsa ko sekuru wa Mandla, ariwe Nelson Mandela ageze ku myaka 95, akaba ari mu nzu baguma basuzumiramwo amagara yiwe y’i Johannesburg. Aho ni inyuma yaho asohokeye ibitaro igenekerezo rya 1 Nyakanga 2013, aho yaramaze amezi ashika kuri 3 bivuye ku ndwara y’amahaha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.