Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Manuel Uribe yahoze ari umuntu wa mbere avyibushe kw’isi yitavye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Manuel Uribe yahoze ari umuntu wa mbere avyibushe kw’isi yitavye (...)

Manuel Uribe yahoze ari umuntu wa mbere avyibushe kw’isi yitavye Imana

mardi 27 Rusama 2014

Uwahoze ari umuntu wa mbere avyibushe kw’isi, Manuel Uribe yasezeye isi kuri uwu wa mbere. Ku myaka 48, Manuel Uribe yahora apima ibiro 560 mu mwaka w’2006, asize umugore bagiriye ubugeni ku buriri kuko yari asanzwe adashobora n’ukugendagenda kubera uburemere.

Manuel Uribe yamaze imyaka myinshi ariwe muntu wa mbere avyibushe kw’isi yose, nk’uko vyemejwe n’abahinga bo muri Guinness Book mu mwaka w’2006. Yasezeye isi kuri uwu wa mbere, inyuma y’iminsi mirongo ibiri n’ine ari mu bitaro kubera ingwara yatewe n’umutima wiwe watera buke buke cane. Kubera uburemere yari afise, n’ikiziga ciwe vyaragoranye ingene bagishikana mu buruhukiro, bakaba babanje kwikora ku bimashini bikomeye (une grue) kugira avanywe ku buriri bw’igitanda c’ibitaro, aho mukamenya ko Manuel Uribe yari amaze imyaka hafi cumi atava mu nzu kubera ubwo buremere, n’ubugeni bwiwe bukaba bwabereye mu cumba araramwo. Akijanwa mu bitaro, yari ageze ku buro 390, ukwo kugabanuka nakwo akagukesha abaganga yahawe na Reta kuva aho atangarije ku mboneshakure y’igihugu ko yipfuza abamufasha kugabanya ubunini.

JPEG - 53.3 ko
Manuel Uribe yamaze imyaka myinshi ariwe muntu wa mbere avyibushe kw’isi yose

Claudia Solis w’imyaka 38, ari nawe mugore w’uwo muhisi Manuel Uribe amenyesha ko n’akababaro kenshi ko abuze uwo bari barikundaniye. Avuga ko yari umuntu yuzuye urukundo, kandi ko kuba yaramenyanye nawe, gushika aho bubaka urwabo ari ubuntu Imana yamugiriye.

Mwomenya ko Claudia Solis ari umugore agira kabiri wa Manuel Uribe, kuko imbere y’uko bubakana, uwo yitavye Imana yabanje kubana n’uwundi mugore. Atanguye kuvyibuha, uwo mugore babana yabonye atanguye kurenza urugero, ageze ku biro 130, aca yisabira ko bokwahukana (divorce), kuko yavuga ko atobisabirako.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.