Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maradona ariteguye kumenyereza umurwi wa MontPellier - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Maradona ariteguye kumenyereza umurwi wa MontPellier

Maradona ariteguye kumenyereza umurwi wa MontPellier

mercredi 6 Ntwarante 2013

Diego Maradona aremera ko agiye kugiriranira ibiganiro n’umurwi wa MontPellier wo mu gihugu c’Ubufaransa,ugiye gutakaza umumenyereza wawo Rene Girard.

Nk’uko umuyobozi w’ikigo kijejwe gukurikiranira hafi ivya Maradona mu gihugu c’Ubufaransa yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP,Maradona yamenyesheje ko yiteguye kuganira na MontPellier,nayo Youssef Haijoub umuyobozi w’ikigo kiraba ivyo ubudandaji no gutunganya ibikorwa muri uwo murwi, yavuze ko bagiye kubimenyesha umurwi wa MontPellier babicishije kuri fax.

JPEG - 7.4 ko

Nk’uko vyabaye mu murwi wa Paris Saint Germain uzana umukinyi Beckham,Haijoub yavuze ko atakibuza ko mu murwi MontPellier nabo bazana umumenyereza azwi kandi afise ishusho iboneka cane kw’isi,Maradona.

Kuri uno wa kabiri umukuru w’umurwi wa MontPellier Loulou Nicollin yabwiye ikinyamakuru RMC ko yamaze kuronka urwandiko haheze ukwezi,rwemeza ko Maradona bimunezereje kuja mu gihugu c’Ubufaransa.

Loulou yavuze ko nimba Maradona yosaba umushahara ungana n’amafaranga 30.000 y’abanyaburaya,imodoka n’umushoferi hamwe n’inzu ariteguye gushira umukono ku masezerano ata ngorane n’imwe.

Kuwa mbere Maradona yari yabwiye ikinyamakuru c’inkino co mu gihugu ca Espagne Marca,ko indoto yiwe yari iyo kumenyereza umukinyi Lionel Messi mu murwi wa Barca.

Tubibutse ko Maradona afise imyaka 52 y’amavuko,yaratwaye igikombe ari umukinyi mu mwaka wa 1986,yaramenyereje umurwi nserukira gihugu wa Arijantine mu myaka ya 2008 na 2010,yaramenyereje kandi umurwi wa Al Wasl i Dubai,vyaravuzwe kandi ko yari kumenyereza mu gihugu ca Irak ariko kubera impamvu z’umutekano ntiyabaye akijayo.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.