Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Margaret Thatcher yitavye Umuremyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Margaret Thatcher yitavye Umuremyi

Margaret Thatcher yitavye Umuremyi

lundi 8 Ndamukiza 2013

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yitavye Imana. Uwo yabaye umugore wa mbere agiye muri ico kibanza yahitanywe n’indwara yo mu mutwe mu gatondo kuyu wa mbere. Iyo ndwara nayo ikaba yari yakwezwe n’indwara y’Ubujugumizi (Alzheimer). Uwari yataziriwe “Dame de fer”apfuye ku myaka 87.

Margaret Thatcher yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu mwaka wa 1979 gushika mu mwaka wa 1990. Aho hari inyuma yaho yari yabanje gutwara umugambwe wabitwa aba”conservateurs” kuva mu 1975. Aracari umugore umwe rudende kugera ubu yashoboye kuja muri ico kibanza mu gihugu c’Ubwongereza. Vyongeye aracari uwambere yamaze imyaka ishika kuri 11 muri ico kibanza c’umushikiranganji wa mbere muri ico gihugu.

Yari yafashe akaruhuko kabageze mu zabukuru muri 1992, aho yari umujenama wa komine. Kuva mu 2002 ntiyari agiseruka mu bibanza bikoranirwamwo benshi kubera ingwara. Yari yagiye mubitaro muri Kigarama c’umwaka uheze mu ntumbero yo ku mubaga akavyimba kari mu gasaho k’umukoyo. Ico gihe abamwegereye bavuga ko iryo barwa ryari irisanzwe.

David Cameron, umushikiranganji wa mbere w’ubu mu gihugu c’ubwongereza, yagize ati: “Turahomvye umuyobozi mwiza, umushikiranganji wa mbere w’intwari, umwongereza w’indyamunyu”.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.