Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mariam Sankara ariteguriye guhunguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mariam Sankara ariteguriye guhunguka

Mariam Sankara ariteguriye guhunguka

vendredi 7 Munyonyo 2014

Mariam Sankara n’abana biwe biteguriye gusubira mu gihugu iwabo, inyuma y’aho Blaise Compaore atangiye imihoho, yihindutswe n’abo yari arongoye.

Mariam Sankara akaba yahunze mu mwaka w’1987 Thomas Sankara umutambukanyi wiwe agandaguwe. Mariam Sankara akaba yahungiye mu gihugu c’Ub’faransa, umugabo wiwe aheje guhirikwa ubutegetsi, co kimwe n’abana babiri. Mariam Sankara yaheruka muri ico gihugu haraheze imyaka indwi, igihe hariko haribukwa imyaka 20, umutambukanyi wiwe agandaguwe.

Muriico gihe, umupfakazi wa Sankara akaba yarijanye, abana biwe Philippe na Auguste ubu bakuze kuko uwa mbere afise imyaka 29 uwundi 26, ntibarikumwe mu gutinyira umutekano wabo. Uwo mukenyezi rero akaba yiteguriye gusubira mu gihugu iwe, narirya uwo yagiriza ko ariwe yamwiciye umugabo atakiri ku butegetsi.

Mariam Sankara akavuga ko naho yari mu buhungiro, yamye na ntaryo ashigikira abatavuga rumwe na Compaore, ndetse akavuga ko ubuho agiye nawe kuzoterera kugira igihugu gitere ibere, habe ukwishira n’ukwizana n’iyubahirizwa ry’amategeko. Ariko akabandanya asaba ko ukuri kwoja ahabona, abamugandaguriye umugabo bakaja ahabona.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.