Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mariam SANKARA : Blaise Compaoré akwiye gushikirizwa ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mariam SANKARA : Blaise Compaoré akwiye gushikirizwa ubutungane

Mariam SANKARA : Blaise Compaoré akwiye gushikirizwa ubutungane

mardi 4 Munyonyo 2014

Mariam Sankara, umupfakazi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu Thomas Sankara, yashimiye abanyagihugu bo muri Burkina Fasso berekanye ko barambiwe n’ubutegetsi bw’umukazo. Yasavye imiryango yabuze ababo mu migumuko yakuye ku butegetsi Blaise Compaoré ko yokwitura ubutungane mpuzamakungu, kugira uwo mukuru w’igihugu yakombowe abazwe amabi yagirizwa.

Mw’ikete yanditse, Mariam Sankara, umupfakazi wa Thomas Sankara, yamenyesheje ko akeza ubutwari bw’abanyagihugu bo muri Burkina Fasso biyamirije akajagari ka poritike kagira gaterwe na Blaise Compaoré hamwe naba somambike biwe, akibutsa ko ubutegetsi bwa Blaise Compaoré n’abo bari bacuditse bwahekuye imiryango itari mike. Mariam Sankara avuga ko nawe ari muri abo batewe agahinda n’ubwo butegetsi, kuko yagandaguriwe umugabo wiwe mu 1987.

Uwo mupfakazi avuga ko Blaise compaoré ategerezwa kubazwa ivyaha yagirizwa imbere y’ubutungane, ahubwo agasaba n’abanyagihugu babuze ababo mu migumuko yabereye i Ouagadougou ko bokwitura ubutungane. Ku bwiwe rero, Blaise Compaoré ntiyari akwiye kuba yidegemvya aho ari mu buhungiro i Yamoussoukro, ahubwo Mariam Sankara akabona ko yari akwiye kubazwa amabi yagirizwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.