Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maroc : Abantu 10000 baritavye imyiyerekano yo gushigikira abanyagihugu bo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Maroc : Abantu 10000 baritavye imyiyerekano yo gushigikira abanyagihugu bo (...)

Maroc : Abantu 10000 baritavye imyiyerekano yo gushigikira abanyagihugu bo mu Misiri

lundi 19 Myandagaro 2013

Abantu bagera ku bihumbi cumi nibo bari mu myiyerekano ku munsi w’ejo kuw’Imana ahitwa i Rabat muri Maroc. Bariko biyamiriza ihohotera abasirikare bo mu Misiri bagirira abashigikiye Mohamed Morsi, bagasaba iyirukanwa ry’uwuserukira igihugu ca Misiri muri Maroc.

Isinzi ry’abantu bari hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi bitandatu nk’uko bivugwa n’abategetsi, abagera ku biumbi cumi na bitanu nk’uko bivugwa n’abateguye iyo myiyerekano, nibo bagize urugendo rw’amasaha abiri mu mutekano ntangere hagati mu gisagara.
Benshi muribo baradugije ivyapa biyamiriza ibikorwa vy’abasirikare bo mu gihugu ca Misiri hamwe.

"Morsi, Morsi, Allah akbar, turasavye iyirukanwa ry’uwuserukira Misiri muri Maroc", ayo niyo majambo yariko avugwa n’abari mu myiyerekano.

Akamo ko gukora imyiyerekano mu gihugu cose kari katewe n’umurwi w’abayisilamu bo mu mugambwe "Al Adl wal Ihsane" (Justice et bienfaisance).

Nk‘uko bivugwa n’ikinyamakuru AFP, muri iryo sinzi ry’abantu harimwo abashingamateka hamwe n’abanywanyi b’umugambwe PJD (Parti pour la Justice et Developpement), umugambwe w’abayisilamu usanzwe utwara Leta kuva mu mwaka w’2012.
N’abantu begereye umushikiranganji wa mbere, Abdelilah Benkirane nabo nyene niho bari, nk’uko bibandanywa bivugwa.

N’abatari mu migambwe nabo nyene bari bitavye iyo myiyamamazo. Driss Leghroudi, umunyeshure w’imyaka 33 yiga muri kaminuza akaba ubwiwe yamenyesheje ko yitavye iyo myiyerekano nk ‘umunyagihugu asanzwe ata mugambwe n’umwe arimwo kugira ashigikire abanyagihugu bo mu Misiri.

Abari mu myiyerekano bose basemerera bavuga bati : Abasirikare bategerezwa kugaruka ku kazi bajejwe ko gukingira ubutaka bw’igihugu, aho kwica abanyagihugu."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.