Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maroc : Imiyabaga ipfunzwe yagirizwa kwiyandagaza mu gusomana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Maroc : Imiyabaga ipfunzwe yagirizwa kwiyandagaza mu gusomana

Maroc : Imiyabaga ipfunzwe yagirizwa kwiyandagaza mu gusomana

samedi 5 Gitugutu 2013

Hari imiyabaga yo mu gihugu ca Maroc yahagaritswe n’igipolisi yagirijwe ko yashize ifoto yabo bariko barasomana ku rubuga rwa Facebook i Nador, mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igihugu ca Maroc nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe rimwe ryo muri ico gihugu.

Abo bafashwe akaba ari umwana w’umuhungu ari kumwe n’umwigeme bari mu myaka y’ubuyabaga, bakaba bagirwa n’icaha c’ukwiyandagaza ku mugaragaro, icaha gihanwa n’amategeko y’ico gihugu, kijanye n’uguta akaranga, inyuma yaho bashiriye ifoto yabo bariko barasomana ku rubuga ruhurirwako n’abantu benshi rwa Facebook, nk’uko bivurwa na Chakib Al Khayari arongoye Association Rif , ishirahamwe ryitaho agateka ka zinamuntu riri i Nador. Amakuru abandanya avurwa ni ukwo abo bana n’ubu batararekurwa n’aho amashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu ariko arabandanya ababuranira kugira barekurwe, nk’uko bibandanya bivurwa na Al Khayari.

Abo bana babiri rero, bakaba biga mw’ishure ryisumbuye aho i Nador, ndetse bakaba arinaho bashiriyeko iyo foto yabo. Abajejwe intwaro baho i Nador baremeza ayo amakuru, ariko ntaco bashima kubivugako. Iyo ngeso mu gihugu ca Maroc ikaba yabaye nk’akaranda, aho abakiri bato benshi bashira amafoto kuri ubwo buhinga ngurukanabumenyi bari muri ubwo buhumbu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.