Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maroc : Umutamakazi w’imyaka 96 yemanze uko yafashwe ku nguvu n’umurwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Maroc : Umutamakazi w’imyaka 96 yemanze uko yafashwe ku nguvu n’umurwi (...)

Maroc : Umutamakazi w’imyaka 96 yemanze uko yafashwe ku nguvu n’umurwi w’imisore

jeudi 20 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Maroc mu gace ka Rabat, hari umutamakazi azwi kw’izina rya Mi Rahma afise imyaka 96 y’amavuka yemanze ku mugaragaro ko yafashwe ku nguvu n’umurwi w’imisore y’imyaka 25, ikaba yamusinzikarije amagara.

Umutamakazi Mi Rahma avuga ko yafashwe ku nguvu kuri uwu wa mbere wa 17 Ntwarante 2014 n’umurwi w’imisore ifise imyaka yababa 25 y’amavuko. Iyo misore ikaba yamusanze ku muhana iwe i Sidi Slimane, aho yamwuguruza ku nguvu umwango w’akazu abamwo. Niko kumurengerako yose imusiga ari indembe. Iyo misore yari yitwaje ibirwanisho bigizwe n’imipanga, ihejeje gukora ico kibi kibishe, yaciye itungwa n’ayo yameze.

JPEG - 9.2 ko
Umutamakazi Mi Rahma

Amaze gufatwa ku nguvu, yaciye ajanwa mu bitaro amerewe nabi, ariko Imana ikaba yarakinze akaba ataco yabaye kinini. Ahejeje kuvurwa, yaciye asubizwa ku muhana iwe naho umutima wiwe wari ugihungabanye kubw’ivyo yakorewe.
Naho bigoye kuvuga igihe umuntu ashikiwe n’icago co gufatwa ku nguvu, Mi Rahma we siko vyagenze, yashimye kwigana ingene vyagenze kuriwe, kuva iyo misore imufata ku nguvu gushika iheze icari kiyizanye. Ariko, avuga ko atibuka neza namba iyo misore yoba yamwuririyeko icarimwe canke hoba haratanguye umwe gushika bahere. Mi ati : “Nari nagerageje kwinyegeza igihe umwe muribo yabomora umwugariro w’inzu yanje, ariko vyabaye ivy’ubusa ivy’ukwinyegeza kuko yaciye ansimbirako araniga mera nk’uwupfuye”.
Muri iyo ntahe yiwe, umutamakazi Rahma, avuga ko yibuka neza ko umwe muri iyo misore yasa n’iyariwe amavubi, yari umwana w’umubanyi wiwe.

Mwomenya ko uwo mutamakazi yahora yibana mu kazu ka wenyene, ariko akaba yarahiye ararengwa ko adashobora kuva kuri ako gatumba kuko ariho yakuriye, mu gihe yari yasabwe kwimuka kubw’ivyo yakorewe. Agira ati : "Imana yo nyene niyo mfise izondinda”.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.