Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maroc :Yahambwe abona amaze guhura n’umugenzi wiwe wo kuri facebook - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Maroc :Yahambwe abona amaze guhura n’umugenzi wiwe wo kuri facebook

Maroc :Yahambwe abona amaze guhura n’umugenzi wiwe wo kuri facebook

lundi 2 Ruheshi 2014

Mu gihugu ca Maroc havurwa inkuru y’umwigeme aturuka mu gihugu c’Ubufaransa yahambwe abona, mu gihe yaraje guhura n’umukunzi wiwe yarasanzwe aba muri Maroc.

Nk’uko bivurwa n’igiporisi co mu gihugu ca Maroc, uwo mwigeme azwi kw’izina rya Mina w’imyaka 25 y’amavuka, yaturuka mu gisagara ca Vaucluse mu gihugu c’Ubufaransa, akaba yaraje kumara iminsi mu karuhuko i Fes mu gihugu ca Maroc. Ibinyamakuru vyatohoje iyo nkuru, bikavuga ko uwo mwigeme Mina yarafitaniye imigenderanire n’umugenzi w’umuhungu wo muri Maroc, bahora bavuganira ku murongo ngurukanabumenyi wa Facebook. Mu gihe Mina yari yagiye kuramutsa uwo bari basanzwe bafitaniye imigenderanire kuri Facebook, yoba yarataye ubwenge, amera nk’uwapfuye, bivuye ku ndwara y’igisukari yarasanzwe agendana muri we. Inyuma yaho atereye ubwenge, uwo muhungu akaba yaciye aja kumuhamba ni ngoga mu murima wiwe w’amashurwe, abantu batarabimenya ivyabaye, yibaza ngo yamaze gupfa.

Ababonye ahantu Mina yahambiwe, bakavuga ko basanze yahambwe abona, mu murima w’amashurwe (Jardin). Bikavugwa ko yoba yahambwe akiri muzima, aza gupfa mu nyuma ari mu kuzimu yabuze ukungene ahema. Umuryango wa Mina hamwe n’ihoteri y’ingenzi aho yari yashikiye mu gihugu ca Maroc, bamaze iminsi batazi amakuru y’uwo mwigeme, baciye batabaza igiporisi. Amatohoza akaba yaciye atangura inyuma yo gutora ikiziga ca Mina aho cari cahambwe.

Uwagirijwe urwo rupfu, bakaba bamusanganye mu nzu iwe igipawa co kuyora ivu hamwe n’ipantaro vyuzuyeko urwondo. Niko guca afatwa n’igiporisi, ubu akaba arindiriye gucibwa urubanza n’ubutungane bw’igihugu ca Maroc.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.