Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Martinique: Abagore babiri ba mbere barubakanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Martinique: Abagore babiri ba mbere barubakanye

Martinique: Abagore babiri ba mbere barubakanye

samedi 22 Ruheshi 2013

Bwabaye ubwa mbere mbere mu mateka y’igihugu ca Martinique abantu babiri basangiye ibitsina bubakana. Rosemonde Zébo na Myriam Jourdan barashingiranywe imbere y’amategeko, aho umwe yemeye ko agiye kubera uwundi umufasha.

Mu mwanya Rosemonde Zébro yariko asezerana na Myriam Jourdan yari yaherekejwe n’umukobwa wiwe, aho bari batumiye imiryango yabo ndetse n’abamenyeshamakuru. Akaba yaratangaje icese ko yakiriye neza umunsi w’ubukwe bwiwe, abivugana umunezero mwinshi cane.

Mu bikorwa vyo kubasezeranya, umuyobozi w’akarere ka Carbet basezeraniyemwo, yabasavye kwubahana no kworoherezanya, anabasomera ingingo zijanye no gusezerana mu mategeko ku bagiye kurushinga. Inyuma y’aho, abo bompi baciye biyemeza ko basezeranye kwubakana ata gahato.

Martinique ni igihugu kiri mu burasirazuba bw’ikiyaga ca Caraibes muri Haiti. Akaba ari incuro ya mbere mu mateka y’ico gihugu havugwa abantu babanye bahuje igitsina.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.