Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Masanganzira: Abapakira n’abapakurura imizigo barabeshejweho n’ishirahamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Masanganzira: Abapakira n’abapakurura imizigo barabeshejweho n’ishirahamwe (...)

Masanganzira: Abapakira n’abapakurura imizigo barabeshejweho n’ishirahamwe ryabo

vendredi 22 Munyonyo 2013

Gupakira no gupakurura imiduga minini mini biratunze imiryango itari mike, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bo ku Masanganzira, muri komine ya Kiremba mu ntara ya Ngozi basanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe Karaninguvu

Abari mw’ishirahamwe Karaninguvu ry’aho ku masanganzira bavuga ko ubuzi butandukanye, kuko hari abarima, hakaba abadandaza, abakozi ba Reta, hakaba n’abapakururura canke bagapakira imizigo n’abandi. Kuva biyumviriye kugira ishirahamwe ryabo, Karaninguvu, bavuga ko ribateza imbere kuko ku munsi ku munsi bavuga baronka amafaranga atunga imiryango yabo, ku kwezi naho ko babitsa amafaranga angana n’ibihumbi 150.000, mu gupakira canke gupakurura imiduga.

Nk’uko abari muri iryo shirahamwe babivuga, umurwi wabo ugizwe n’abantu 37, bakaba bamaze imyaka 12 batanguye iryo shirahamwe ryo gupakira no gupakurura imizigo. Kugira batangure iryo shirahamwe, bavuga ko babisabwe na bamwe mu badandaza b’aho ku Masanganzira kuko bavuga ko bagira ingorane iyo hariko harapakururwa imizigo yabo, kuko hari imwe wasanga yazimiye, ubu bakaba bose bambara ibibaranga, udufurani tw’ibira ry’umuhondo.

Kenshi, ubona abari muri iryo shirahamwe, bambaye impuzu zisa, bariko bariruka inyuma y’imiduga mito mito canke minini minini, iri ku masanganzira. Umukuru wabo rero akaba ariwe abaha itegeko ukwo bakora, abaramukiwe, canke abagira baruhuke. Abatigenjeje neza nabo, barahabwa igihano co kumara iminsi 15 badakora.

Abari muri iryo shirahamwe rero bavuga ko bashimishwa n’intambwe bagezeko kuko akazi bagahejeje baca baja hamwe bakagabura bose amafaranga, kandi bakanganya.


Aristide Nizigire

Messages

  • vrmt nivyiz knd birahimbay kubona ak kaz kabo kabatez imber.nka jew mba ngaho nyen ku masanganzira nakuz ndababon bagakora ark ker gos ntibar bwab ishirahamw ahubw umwumw yakor yikorer ark abo bakarani baba bazwi ham munyuma bac baj hamw baca biyita "karaninguvu" .vrmt ub barakomey knd baratey imbere

  • MASANGANZIRA COMMINE KIREMBA KURIBANKI NO KURI KOPEKE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.