Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega barurangiranwa barasaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mbega barurangiranwa barasaza

Mbega barurangiranwa barasaza

lundi 22 Ndamukiza 2013

Abantu rurangiranwa kandi bazwi cane kw’isi ,nabo nyene barasaza.Kenshi dukunze kwibaza ko abantu nk’abo,batazova kw’isi, bazomara igihe kinini batarasaza canke batazosaza nk’abandi,Kuko twibaza ko ari bantu bifise kurusha abandi.

Abo barurangiramwa bita aba “Star” barasaza nk’abandi,Abenshi baragerageza kwirinda gusaza bakoresheje uburyo bwose bafise kugira babandanye babaho kandi bemerwe na bose.Ni n’ikintu gituma n’ubutunzi bwabo buhaherera ningoga.K’uburyo bafise,baracungera amagara yabo mu kurinda gusaza ningoga.Umuntu aravye amasanamu yabo arashobora kubibona.

JPEG - 27.5 ko

K’ubwushakashatsi bwakozwe,umu “star” azwi kw’izina rya Demi Moore,niwe yatowe nka “rurangiranwa ashaje mu buryo bwiza”.
I Hollywood,kugera mu zabukuru n’intambara bagwanya nko kugira ibiro birengeye.Nimba bamwe bafashe ibintu nk’icirwa c’ubwenge ca “philosophie”, nka Jamie Lee Curtis w’imyaka 55 yemeye kugumana imishatsi y’imvi mu mutwe,abandi barikura cane kubirwanya.

Abenshi mbere mukubirwanya,baca barondera kwihindura umubiri mu buryo bwo kwibagisha,bakisiga amavuta yose akura iminkanyari n’ayateba kuyazana canke bakagirisha Vampire lift.Kuri bamwe, ivyo birukiye kugira birinde gusaza,vyarabataye kuw’amazi kuko batashoboye gushika k’untumbrero bari bihaye yo kudasaza ningoga.

Umurongo ngurukanabumenyi “MyCelebrityFashion” uheruka kubaza abagore bashika 1300 kugira bababaze ,abantu barurangiranwa bashaje neza kuruta abandi abo bari,ku bw’abo. Demi Moore niwe yari k’umurongo wa mbere, aho yarafise amajwi agera kuri 55.

Uwo muririmvyi akaba yavanye na Ashton Kutcher aca amara imyaka 50 ari kumwe na brio.Yagumye kw’ijambo ryiwe,ntiyemera no kwibagisha kugira ahindure umubiri wiwe.Ariko benshi barakekeranya ko atoba yakoresheje “bistouri”kugira agire mu maso hakeye kandi agire n’umubiri mwiza woroshe.Ariko,umuntu abiravye, twovuga ko ataco bitwaye! Mu vyukuri,abantu benshi baripfuza gusa nawe.

Umuntu yihweje ibivuga,yokwibaza ko abantu nk’abo barurangiranwa badasaza.Haba namba,n’abo nyene barasaza,gusa bivana n’ingene bifata kugira ntibasaze ningoga kubw’imirimo yabo ya minsi yose bakora kuko bibasa kuba ari abantu binkomezi kandi bakeye mu maso.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.