Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega ibicapo dukunze kubona ku noti z’amafrang​a y’amarundi bitorwa hisunzwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mbega ibicapo dukunze kubona ku noti z’amafrang​a y’amarundi bitorwa hisunzwe (...)

Mbega ibicapo dukunze kubona ku noti z’amafrang​a y’amarundi bitorwa hisunzwe iki?

jeudi 5 Ruheshi 2014

Ibicapo biri ku manoti y’Uburundi vyagiye bihindagurika bivanye n’ivyiyumviro bitwara ibindi muri ico gihe, nk’uko bivugwa na Clément Butoke, arongoye igisata kijejwe gukora, gushingura no gusohora amanoti mw’ibanki nkuru ya republika y’ Uburundi.

Haraheze imyaka itari mike tubona ibicapo biri ku manoti atandukanye bigenda bihindagurika. Mbega biva kuki? Clément Butoke arongoye igisata kijanye no gukora, gushingura no gusohora amafranga mw’ibanki nkuru ya Republika y’ Uburundi amenyesha ko, bagiye barashirako ibimenyetso bijanye n’ivyiyumviro biba bihari muri ico gihe. Nko mu myaka 1960 gushika mu mwaka w’1966 hariko ibicapo bijanye n’ibidukikije (amashamba, ibikoko, utwatsi). Mu myaka y’1967 nk’uko abandanya abishikiriza, ku noti baciye bashirako ibicapo bijanye n’utugenegene, nk’akarorero k’inoti ya 20 hariko igicapo c’umutamvyi (Danseur), kw’inoti ya 50 naho hakaba hariko umutimbo (tambourinaire).

Mu nyuma ibintu vyarahindutse kuko Uburundi bwari bwijukiye cane n’ibijanye na poritike aho ku manoti amwe bashizeko ibicapo vy’abatware ,nk’akarorero inoti z’igihumbi zariko umwami Mwambutsa , mu nyuma ku noti zimwe zimwe bashizeko umukuru w’igihugu Micombero. Mu nyuma hagiyeko incungu z’igihugu aha avuga nk’inoti bashizeko igicapo c’umuganwa Rudoviko Rwagasore hamwe c’incungu ya Demokarasi Ndadaye Melchior. Mw’ibanki nkuru y’igihugu bavuga ko kubera basanze bitera ikibazo iyo bashizeko umuntu ari ku ngoma kuko iyo ahavuye bica bigorana.

Ku cerekeye naho ko amafaranga Uburundi bwagiye bukoresha yoshirwa mu bibanza ndangakaranga (musée) mw’ibanki nkuru y’igihugu bavuga ko vyoba ari vyiza cane ariko bakavuga ko ari ibintu bobanza kwiga barikumwe n’abarongoye ivyo bigo . Clément Butoke agira ati vyoba vyiza ariko nibabidusaba, tuzoheza turabe ingene vyogenda kuko no mu bindi bihugu hariho ibigo ndangakaranga vy’amahera .

Tubamenyeshe ko amafranga y’ uburundi asanzwe akorerwa mu bihugu vya Buraya na Amerika, kuko bikorwa mu buhinga buhanitse kugira bishoboke ntihagire abashobora kuyigana nk’uko Clément Butoke abandanya abimenyesha. Ikindi kandi ayo mafranga ntakorwa mu nshato nk’uko abatari bake bavyibaza, ahubwo akorwa mu bipapuro hamwe n’igice c’ipampa.

Tubibutse ko mu mw’ibanki nkuru y’igihugu bariko barahimbaza yubile y’imyaka mirongo itanu iheze ibayeho. ibikorwa bitandukanye bikaba vyarateguwe mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi mukuru kuva ku munsi wa mbere gushika ku munsi wa gatatu, imiryango ikaba yari yuguruye kuwipfuza wese kumenya ibikorwa n’iyo banki.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.