Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega umuntu arashobora kugira amafungo n’iyo afise amagara make? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mbega umuntu arashobora kugira amafungo n’iyo afise amagara make?

Mbega umuntu arashobora kugira amafungo n’iyo afise amagara make?

jeudi 11 Mukakaro 2013

Mbega umuntu arashobora kugira amafungo no mu gihe akunda kurwara umutwe igihande kimwe canke arwaye ingwara ya hypotension? Ng’ivyo ibibazo dushobora kwibaza muri ki gihe abari mw’idini rya islamu batanguye ca gihe cabo co kwifunga

Mbega umuntu arwaye indwara yo kuvumbuka kw’umurindi w’amaraso canke ingwara y’umutima hypertension arashobora kwisonzesha nawe.
Umuntu afise ingwara y’ivuduka ry’umurindi w’amaraso ariko ibipimo vyiwe bimeze neza arashobora kwisonzesha nawe. Ariko rero ngo bisaba ko abanza kubibwira umuganga wiwe kugira amuhe impanuro bijanye.

Umuntu arwaye ya ngwara bita hypotension mugabo ataza ararwaragurika ategerezwa kuraba ko anywa amazi menshi kandi akarya n’ivyokurya birimwo umunyu mwinshi igihe aba avuye mu mafungo.

Mbega urashobora kwisonzesha ufise ingwara y’igisukari?

Abantu barwaye ingwara y’igisukari mugabo batarashika ahantu ibasinzikaza mugihe bifata neza barashora kwifunga. Mugabo rero barasabwa ko bavugana n’umuganga kugira yame ari hafi mu gihe bogira ingorane ya hypoglycemie.

Ku ruhande rw’imfungurwa mu gitondo, n’uko umuntu yofungura ibirimwo ingano canke ifu y’ubududu birashobra gutuma bimwe bita glycemie bisubira hamwe. Mw’ijoro naho, tangura kurya ibintu birimwo isukari kugira biduze glycemie. Ni ukuvuga nk’ivyamwa imbere yo kuja ku meza. N’ukumenya ko abantu barwaye indwara y’igisukari bageze ku rwego rwo kwitera urushinge rwa insuline bobo kizira ko bisonzesha.

Mbega umuntu akunda kurwara wa mutwe w’igihande kimwe arashobora kwisonzesha ata ngorane?

Abantu bakunda kurwara imitwe ibabaza cane ntibari bakwiye kwisonzesha kuko bishobora kubatuma baca basubira kurwara. Igikuru n’uko umuntu yokwihutira kurondera umuti bijanye n’iyo ndwara yiwe, aho kwabanza kwiyumvira kwisonzesha.

Mbega abana nabo bokwisonzesha ku myaka ingahe ?

Ukwisonzesha ntiguhanuwe ku bana bari munsi y’imyaka 7 na 8. Ibirengeye ivyo ngo n’uko abavyeyi bobwira abana baba ico bahatakariza, umwana agatangura kwisonzesha amasaha make hanyuma akazogira umusi wose mugabo yabanje kwimenyereza buke buke. Igihe umwana ari umuyabaga, ngaho arashobora kwisonzesha nk’abavyeyi biwe n’abandi bose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.