Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Messager FC yatahukanye igikombe mu Burusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Messager FC yatahukanye igikombe mu Burusiya

Messager FC yatahukanye igikombe mu Burusiya

mardi 28 Rusama 2013

Kuri uyu wa Mbere igenekerezo rya 26 Rusama 2013, niho umurwi w’umupira w’amaguru « Messager FC » wa hano mu gihugu c’Uburundi watahuka uvuye mu gihugu c’Uburusiya aho wari umaze iminsi mu mikino y’umupira w’amaguru.

Messager FC ikaba yatanye mu mitwe n’imirwi itandukanye y’umupira w’amaguru yo mu bihugu vya Sénégal, Afrika y’Epfo n’Uburusiya. Muri iyo mikino, Messager FC ikaba ariyo yashoboye gutahana igikombe ihejeje gutsinda umurwi wa Sénégal ku bitsindo bibiri k’ubusa.

Ubu umunezero ukaba ari wose kuri abo bakinyi b’umurwi Messager FC.
Uwahoze ari umushikiranganji ajejwe inkino n’urwaruka, Jean Jacques Nyenimigabo yari yaherekeje abo bakinyi ba Messager FC, yarashimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza k’ukungene adahengeshanya gushigikira uwo murwi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.