Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Messi ararwaye inyonko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Messi ararwaye inyonko

Messi ararwaye inyonko

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Umusatirizi ava mu gihugu ca Argentine akinira umurwi wa FC Barcelona Lionel Messi ntiyitavye imyimenyerezo yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,imvo ni kubera afise inyonko.

Nk’uko umurwi wa FC Barcelone wabimenyesheje ubicishije ku murongo wawo wa internet,abaganga bamusanze aho aba,baramuha imiti baca bamuhanura ko yofata umwanya wo kuruhuka.

Lionel Messi yakinye urukino rwose rwo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2013 aho umurwi wiwe wahura na Real Madrid mu gice ca kabiri gishira ica nyuma,mu rukino rwo gusubiriza,FC Barcelone yatsinzwe ibitsindo bitatu kuri kimwe,uca urava mw’ihiganwa.

JPEG - 7.1 ko

Umurwi FC Barcelone wizeye ko Lionel Messi yatwaya umupira w’inzahabu incuro zine zose zikurikirana azokina urukino ruzowuhuza na Real Madrid kuri uno wa gatandatu mu rukino rwo mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne,urukino ruzobera ku kibuga ca Bernabeu mu gisagara ca Madrid.

Tubamenyeshe ko Messi amaze gukina inkino zose zo mw’ihiganwa rya Espagne,umurwi wiwe ukaba uza imbere n’amanota 12 urusha Athletico Madrid ya kabiri,n’amanota 16 urusha Real Madrid ya gatatu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.