Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Messi ashobora kurusha ibitsindo Maradona mu rukino rw’uno musi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Messi ashobora kurusha ibitsindo Maradona mu rukino rw’uno musi

Messi ashobora kurusha ibitsindo Maradona mu rukino rw’uno musi

mardi 26 Ntwarante 2013

Umukinyi rurangiranwa wo mu gihugu ca Argentine, Lionel Messi ashobora kunganya canke akarusha umukinyi Diego Maradona mu gitigiri c’ibitsindo abo bompi bafise mu murwi nserukiragihugu wabo wa Argentine. Ivyo bivugwa aho ahava akina urukino ku uyu wa kabiri ruhuza igihugu ciwe na Bolivie, mu rukino rw’ugukuranamwo bitegurira ihiganwa ry’igikombe c’isi yose rizobera muri Brésil mu mwaka w’2014.

Uwo mukinyi wo muri FC Barcelone w’imyaka 25 gusa, amaze kurumanya ibitsindo 32 vyose mu nkino 78 gusa kuva mu mwaka w’2005.

Mugenzi we Maradona w’umukukuruke yatsinze ibitsindo 34 mu nkino 91 kuva mu mwaka w’1977 gushika mu mwaka w’1994.

Gabriel Batistuta, batazira "Batigol", aracari uwa mbere afise ibitsindo vyinshi muri Albiceleste ku bitsindo 56, agakurikirwa na Hernan Crespo afise 35.

Messi nawe yararonse igitsindo ku wa gatanu i Buenos Aires aho bakina na Venezuela bakayitsinda 3 kuri 1

Tubamenyeshe ko ico gihangange Lionel Messi ageze ku bitsindo 42 mu murwi wiwe wa FC Barcelone mw’ihiganwa rya Espagne.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.