Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Messi na Cristiano Ronaldo baronse uwuzobasubirira muri kazoza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Messi na Cristiano Ronaldo baronse uwuzobasubirira muri kazoza

Messi na Cristiano Ronaldo baronse uwuzobasubirira muri kazoza

jeudi 16 Rusama 2013

Hachim Mastour azokwiza imyaka 15 y’amavuka mu ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka w’2013 , biraboneka ko azotangaza abantu benshi mu myaka iri imbere ku bera ubuhinga n’inguvu akinisha m’ umupira w’amaguru na cane cane ko umurwi wa Milan AC wamuguze amafaranga y’amanyaburaya 500,000.

Uyo musore bivugwa ko muri iki gihe yiyerekana nk’abakinyi bakomakomeye kw’isi nka Lionel Messi, Cristiano Ronaldo ndetse na Neymar n’abandi biyerekana neza, kuko akina neza cane bigatuma abakurikiranira hafi umupira w’amaguru kw’isi bamenyesha ko babona azovamwo umukinyi mwiza azoba akomeye ku ku rwego mpuzamakungu.

Uyo musore muto, ubu akina mu murwi w’abana b’umurwi wa Milan AC, ubu bakaba bavuga ko Hachim yujuje ibisabwa kuko afise ubuhinga, akaba azi kunyaruka mu kibuga , atsinda ibitsindo vyinshi kandi vy’ubuhinga ndetse n’ibindi vyose biranga abakinyi beza aravyujuje , afise imyaka hafi 15 gusa, akaba atanga icizere ciza muri kazoza.

Mu gisagara ca Milan benshi batanguye gusaba ko uyo musore yohabwa
ubwenegihugu bw’ubutaliyano n’aho afise inkomoko mu gihugu ca Maroke ndetse no muri Yorodaniya kuko abavyeyi biwe bava muri ivyo bihugu bibiri , ndetse basaba ko hokorwa ibidasanzwe akaba yotangura gukina mu mahiganwa yo mu cicaro ca mbere mu Butaliyano kizwi nka icicaro ca A, atarashikana imyaka 16 isabwa atangure gukina cokimwe n’abandi bakuze.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.