Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mexique : Uwukora ibirato vya Benedigito XVI yamuteguriye akaganuke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mexique : Uwukora ibirato vya Benedigito XVI yamuteguriye akaganuke

Mexique : Uwukora ibirato vya Benedigito XVI yamuteguriye akaganuke

dimanche 3 Ntwarante 2013

Uwubura akongera agakora ibirato mu kigo co mu gihugu ca Mexique,Armando Martin gushika ubu ntaratahura ivyo inkuru ivuga ko Joseph Ratzinger atazosubira kwambara impuzu z’umu Papa uretse gusa ibirato vyakozwe n’ikigo akoreramwo mu mwaka uheze.

Igihe yugururira imiryango y’ico kigo kiri muri Leta ya Guanajuato abamenyesha makuru b’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP,Armando yamenyesheje ko ariko ariyumvira ku myambaro ibiri y’ibirato azokorera uwahora atwara ekleziya katolika.

JPEG - 35 ko

Mw’ijambo ryiwe Armando yavuze ati :« Twaratangaye cane twumvise ko Papa azobandanya kwambara ibirato twamukoreye n’urukundo rwinshi,twaciye duhitamwo kumuha iyindi myambaro ibiri y’akaganuke.»

Martin Armando yavuze ko ivyo Ratzinger yamenyesheje haraheze igihe iminsi mike bishobora kugira akamaro k’urudandazwa no kuvyo bashora hanze nk’iburaya no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika,ariko ashimikira ku kiza imbere.

Avuga ati :«Ni kumenyekana hose nk’abantu bava mu gihugu ca Megizike bafise ubushobozi bwo gukora ibintu vy ‘agaciro.»

Martin Armando yari yahaye mu minwe yiwe Joseph Ratzinger umwambaro w’ikirato imbere y’uko asoma imisa igihe yagira urugendo mu gihugu ca Megizike hari mu kwezi kwa Ntwarante 2012.

Ati :«Narinzi ko bizomuryohera kuko dukora ibirato nk’uko tubisabwe nuwuje kutugurira,ariko sinarinzi ko bizoshika ku rugero nk’uru rwose.»

Ku bijanye no kumenya ako kaganuke uko kazoba kameze Armando yabwiye abamenyeshamakuru ko bariko bakora imyambaro ibiri y’ibirato,umwe wirabura uwundi usa n’ubururu,ariko ko ata kindi bashobora kubivugako kuko bagomba ko kizoba nk’igitangaza.

Ivyo birato ntibizogurishwa kuko hari imyambaro ibiri gusa,kandi bifise igiciro kinini,ariko ico biyumviriye ni uko bazotanga bimwe bisa navyo ku bapatiri bavyipfuza.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.