Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michaëlle Jean atewe amakenga n’abamenyeshamakuru bapfungwa bazira umwuga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Michaëlle Jean atewe amakenga n’abamenyeshamakuru bapfungwa bazira umwuga (...)

Michaëlle Jean atewe amakenga n’abamenyeshamakuru bapfungwa bazira umwuga wabo

samedi 14 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, Michaëlle Jean, arashima irekurwa ry’abamenyeshamakuru b’imboneshakure Al-Jazeera, bari bamaze umwaka urenga bapfungiwe mu gihugu ca Egypte. Uwo munyamabanga ararajwe ishinga n’abandi bamenyeshamakuru bo muri uwo muryango bapfunzwe canke bafise imanza bakurikiranwako mu butungane bazira umwuga wabo

Michaëlle Jean, umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa yibutsa amasezerano ya Bamako ibihugu bigize uwo muryango vyateyeko umukono mu bijanye n’ubwigenge bw’ugushikiriza amakuru, hamwe n’ivyo abakuru b’ivyo bihugu baheruka kwiyemeza i Dakar mu nama igira iya 15 ihuza ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, aho biyemeje kwubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro hamwe n’ukworohereza umuzo w’ibitangazamakuru vyinshi (pluralisme des médias)

JPEG - 46.6 ko
Michaëlle Jean, umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa

Naho abo bamenyeshamakuru ba Al-Jazeera barekuwe, umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, Michaëlle Jean, amenyesha ko atewe amakenga n’abandi bamenyeshamakuru bo muri uwo muryango w’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa bapfunzwe, abaciriwe imanza canke bafise imanza bakurikiranwako mu butungane bazira umwuga wabo.

Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru b’imboneshakure Al-Jazeera barekuwe vy’agateganyo babanje gutanga ingwati ari Mohamed Fahmy na Baher Mohamed, bakaba barekuwe inyuma y’umwaka wose bapfunzwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.