Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michel Bagbo yankiwe kurenga imbibe za Côte d’Ivoire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Michel Bagbo yankiwe kurenga imbibe za Côte d’Ivoire

Michel Bagbo yankiwe kurenga imbibe za Côte d’Ivoire

samedi 15 Ruhuhuma 2014

Michel Bagbo, umuhungu w’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca côte d’Ivoire yahagaritswe ku kibuga c’indege c’i Abidjan igihe yari agomba afate urugendo rumushikana mu gihugu c’Ubufaransa kwitaba umutahe yarungikiwe n’ubutungane bwo muri ico gihugu, bikaba vyamenyeshejwe n’uwusanzwe amuburanira.

Michel Bagbo yajanywe ku biro vy’ubuyobozi bujejwe gukingira ubutaka (direction de la surveillance du territoire DST), buri muri karitiye Cocody, aho asanzwe yari yiyandikishije (Enregistrement et contrôle) aja mw’isuzuma rya nyuma niho rero yaciye ahagarikwa. Uwo muhungu wa Laurent Bagbo yaciye ajanwa muri komisariya yo ku kibuga c’indege, aho ari naho yaciye ahagarikirwa kuko nk’uko bivugwa n’umukomiseri yamwakiriye yoba atari afise uruhusha rwo kurenga imbibe. Ariko rero umushingwamanza wiwe avuga ko iyo ngingo itumvikana na gato, kuko Michel afise uburenganzira bwose bwo kwishira no kwizana ariko gusa ategerezwa kubimenyesha mu gihe cose afashe urugendo.

JPEG - 50.5 ko
Michel Bagbo

Mu gihugu c’Ubufaransa akaba yari agiye kwitaba kuko yari yahamagawe n’umucamanza mukuru wa sentare y’i Paris, aho ni mu rubanza bafitaniye na Guillaume Soro, umukuru w’inama nshingamateka yo ngaho muri côte d’Ivoire.
Michel Gbagbo yari yahagaritswe ari kumwe na se wiwe mu kwezi kwa Ndamukiza i Abidjan, mu gihe batembagaza ubutegetsi bwa se wiwe. Akaba yagirizwa guhungabanya igisirikare hamwe no guhungabanya ubutegetsi. Mu kwezi kwa Mukakaro akaba yari yarekuwe vy’agateganyo ari kumwe n’izindi mbohe 12.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.